Inkuba yahitanye 16 kw'isengero mu Rwanda

Inkuba yahitanye abantu 16 abandi barakomereka kw'isengero ry'abaventisi mu Rwanda ku munsi wa gatandatu, niko ubutegetsi buvuga.
Benshi mu bapfuye bapfiriye aho nyene, igihe iyo nkuba yakubita isengero riri ahitwa Nyaruguru mu bumanuko, nkuko uwurongoye akarere Habitegeko Francois yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Abantu babiri bapfuye kubera inguma, abandi 140 baciye bajanwa mu bitaro no mu mavuriro ahegereye.
Inkuba yarishe kandi umunyeshuli muri ako karere ku munsi wa gatanu, nkuko uwo mutegetsi yavuze.
Iyo mpanuka ituruka ku kirere, yabereye mu ntara igwiriyemwo imisozi hafi y'urubibe rw'Uburundi mu ma saha sita ku munsi wa gatandatu.
"Abaganga bavuga ko hari abantu batatu baremvye, ariko ko bariko bararonka mitende muri kino gihe," niko Francois yabwiye AFP ku munsi wa Mungu.
Yavuze ko inkuba yo ku munsi wa gatanu yibasiye abanyeshuli 18, hapfamwo umwe.
Batatu muri abo banyeshuli baracari mu bitaro, mu gihe abasigaye bamaze gusubira imuhira, niko amakuru avuga.
Iyo mpanuka ishitse mu gihe haheze indwi zibiri amasengero arenga 700 yugawe mu Rwanda, bitewe nuko atari akwije ibisabwa mu vy'ubwubatsi hamwe no gutera urwamo rurenze.
Amakuru ava mu gihugu hagati avuga ko menshi muri ayo masengero atari afise ibikenewe, vyo kwikingira imiravyo n'inkuba.










