Icuka hagati y'Uburusiya n'Ubwongereza

Ahavuye isanamu, ASSOCIATED PRESS
Bwana Boris yabwiye inama nshingamateka ko ivyashikiye Sergei Skripal n'umukobwa wiwe Yulia batowe bataye ubwenge, bisa n'ibishusha n'ubumara bwahawe Alexander Litvinenko mu 2006.
Ariko Boris Johnson avuga ko hakiri kare kugira ico umuntu yemeje muri kino gihe.

Ahavuye isanamu, YULIA SKRIPAL/FACEBOOK
Sergei Skripal n'umukobwa wiwe ubu bamerewe nabi cane inyuma yo gutorwa bataye ubwenge ku ntebe mu muji wa Salisbury.
Ubuserukizi bw'Uburusiya muri Londres buranegura ibivugwa ku vyashikiye abo Barussiya, bugasaba ko ico bwita gutyoza Uburusiya cohagarara.
Igipolisi kimeneysha ko abapolisi babiri bafashije Sergei Skripal n' umukobwa wiwe nabo bariko baravurw amu bitaro.






