Icuka hagati y'Uburusiya n'Ubwongereza

Sergei Skripal

Ahavuye isanamu, ASSOCIATED PRESS

Insiguro y'isanamu, Sergei Skripal yari yarageze gupfungwa imyaka 13 kuva 2006, aha yari ahejeje gukatirwa

Bwana Boris yabwiye inama nshingamateka ko ivyashikiye Sergei Skripal n'umukobwa wiwe Yulia batowe bataye ubwenge, bisa n'ibishusha n'ubumara bwahawe Alexander Litvinenko mu 2006.

Ariko Boris Johnson avuga ko hakiri kare kugira ico umuntu yemeje muri kino gihe.

Yulia

Ahavuye isanamu, YULIA SKRIPAL/FACEBOOK

Insiguro y'isanamu, Yulia na se wiwe ubu bamaerwe nabi mu bitaro

Sergei Skripal n'umukobwa wiwe ubu bamerewe nabi cane inyuma yo gutorwa bataye ubwenge ku ntebe mu muji wa Salisbury.

Ubuserukizi bw'Uburusiya muri Londres buranegura ibivugwa ku vyashikiye abo Barussiya, bugasaba ko ico bwita gutyoza Uburusiya cohagarara.

Igipolisi kimeneysha ko abapolisi babiri bafashije Sergei Skripal n' umukobwa wiwe nabo bariko baravurw amu bitaro.