Abapolisi bapfunzwe muri Tanzania kubera kurasa umunyeshure

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abapolisi batandatu batawe muri yombi muri Tanzania, mu bijanye n'iraswa ry'umunyeshure wa kaminuza kwabereye i Dar es Salaam mu mpera z'indwi.
Ababibonye bavuga ko uwo munyeshure w'umukobwa yishwe igihe yari mw'ibisi, iciye hafi y'aho abatavuga rumwe na leta bariko bakorera imyiyerekano.
Leta iridogerwa cane kubera ukuntu ihutagiza abari mu myiyerekano.
Ishengero Gatolika riheruka kwiyamiriza abajejwe intwaro kubera ukuntu bahasha abatavuga rumwe na leta hamwe no kwerekana ivangura n'urwanko.






