Ubushinwa buranebagura umugambi wa nucleaire wa Amerika

Ibigwanisho vya nicreyere vya Amerika birimwo ivyo ku butaka, mu mazi no mu kirere.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibigwanisho vya nicreyere vya Amerika birimwo ivyo ku butaka, mu mazi no mu kirere.

Ubushinwa busaba Amerika kureka ibikorwa bituma haba "kurabana ay'ingwe" inyuma y'aho ivugiye ko iriko irategura gukora ibigwanisho ruhonyanganda mu gukora amabombe mato mato.

Ku musi w'Imana, umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Ubushinwa yavuze ko "Igihugu gifise ibigwanisho vyinshi ruhonyanganda kw'isi, gitegerezwa gutanga akarorero hagukora ibihushanye".

Igisirikare ca Amerika kivuga ko ibigwanisho bafise ruhanyanganda ari binini ku buryo bitokoreshwa neza, bikaba bikenewe ko hakorwa amabombe mato mato.

Uburusiya buza bwiyamirije uwo mugambi.

Uwo mugambi wa Amerika umeze gute?

Ubwato bugendera musi y'amazi bwa Amerika buri muri Korea y'epfo

Ahavuye isanamu, US Navy via AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubwato bugendera musi y'amazi bwa Amerika buri muri Korea y'epfo

Amerika ifise ubwoba ko ibigwanisho ruhonyanganda bafise ko bishobora kudakora, kandi ko ata bwoba vyotera Ubushinwa, Uburusiya, Korea ya ruguru na Iran, ibihugu bishobora kubageramira.

Inyandiko yasohowe n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika ku musi wa gatanu - izwi kw'izina rya 'Nuclear Posture Review (NPR), ivuga ko gukora ibigwanisho bito bito ruhonyanganda bizofasha Amerika kubinwa ukundi.

Ivyo bigwanisho nta nguvu nyinshi bifise ariko birashobora kwonona vyinshi.

Ikarata yerekana ibitigiri vy'ibigwanisho ruhanyanganda bifiswe na buri gihugu
Insiguro y'isanamu, Ikarata yerekana ibitigiri vy'ibigwanisho ruhanyanganda bifiswe na buri gihugu