Syria ntishaka abasirikare ba Amerika ku butaka bwayo

Syria ivuga ko kuguma kw'amasirikare ba Amerika ku butaka bwayo ari agasomborotso

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Syria ivuga ko kuguma kw'abasirikare ba Amerika ku butaka bwayo ari agasomborotso

Ubutegetsi bwa Syria bwavuze ko ingingo ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yo kugumiza ingabo zabo mu gihugu ca Syria ku kiringo kitamenyeshejwe ari igikorwa c'agasomborotso

Abanyamerika bavuga ko iyo ngingo yasohowe mu ndwi iheze ifise intumbero yo kurwanya umugwi wiyita Leta ya Islam, canke IS.

Ariko icegera c'umushikiranganji wa Syria ajejwe imigenderanire n'amakungu, Faisal Mekdad, yabwiye BBC ko ari ikosa rikomeye cane.

Amajambo ya bwana Mekdad asohowe mu gihe himirije ibiganiro bishasha vya ONU bitangura uno munsi i Vienne.

Ibiganiro vyaheruka nta kintu kiboneka vyashitseko, leta n'imigambwe bitavuga rumwe bakaba bitezwe gusubira guhura amaso mu yandi.