Muri Venezuela hari umuryango ugire uhone kubera umugera wa SIDA

Umugabo w'umu Warao

Ahavuye isanamu, Jacobus de Waard

Insiguro y'isanamu, Umugera VIH ubandanya wiyongera
    • Umwanditsi, Karenina Velandia
    • Igikorwa, BBC Mundo

Umugera udakunze kuboneka mu karere w'ubwuko bw'umwihariko, watemye uratongora abantu bari mu muryango w'ubwoko bw'aba Warao, bawandura ningoga bakawuhererekana ningona, ivyo bikaba vyateye amakenga abahinga.

Hari umuryango mu bwoko bw'aba Warao, aho ata mugabo numwe agisigaye. Abagabo bose barapfuye, abagore basigaye nabo nta muntu akibaha ni rwere, nta muntu numwe yipfuza kwubakana nabo. Abantu bibaza ko uwo muryango warozwe, ariko ivyawushikiye birafise insiguro itomoye ku bijanye n'ubuhinga.

Abo bagabo bo mu muryango uri muri Amerika Yepfo mu buseruko bw'igihugu ca Venezuela, bose bishwe n'umugera VIH.

"Hari imiryango mitomito aho abagabo bafise imyaka iri hagati ya 16 na 23 bose banduye umugera VIH," niko umuganga aturuka muri Hollande, Jacobus de Waard yigisha kuri Kaminuza ya Venezuela, yatanguye kubavura kuva mu 1993, yavuze.

Izuba rirenze hejuru y'uruzi Orinoco

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uruzi Orinoco rufise uruhara runini mu buzima bw'aba Warao

Mu gihugu ca Venezuela ibice 0.6% nibo banduye umugera VIH kubw'icegeranyo ca UNAIDS, igisata ca Onu gifasha kugwanya umugera VIH n'ingwara ya SIDA.

Igitigiri c'abanduye umugera VIH mu banyagihugu b'abasangwabutaka kiri hejuru cane ugereranije no mu gihugu cose, ivyo bigatuma ibiriko birashikira uwo muryango vyofatwa nk'ikiza cateye.

Hanyuma ufashe ko abantu bo mu bwoko bw'aba Warao bari munsi y'ibihumbi 50000, umuntu yovuga kw'ico kiza gitongora.

"Birateye amakenga uravye uwo murindi. Ivyo bitigiri biri hejuru co kimwe nivyo twabonye muri Afrika igihe ico kiza catangura, ciyongera ningoga,"niko Flor Pujol, umuyobozi w'ikigo kijejwe imigera muri Venezuela ari no mu bafashije kwiga ivyashikiye uwo muryango w'aba Warao yavuze.

Ishusho ry'umugore w'umu Warao ryo mu 1875.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwo muryango ugizwe n'abantu badashika 50000

Gupfa ningoga

Ubwoko bw'umugera uzunguruka mu muryango w'aba Warao buriharije: uwo mugera uvamwo SIDA ningoga, ugatuma umugwayi apfa mu gihe gito.

De Waard avuga ko umuntu wo murabo basangwabutaka yawanduye atarenza imyaka ibiri.

Ubwoko bw'umugera wateye aba Warao siwo uri mu bandi banyagihugu bo muri Venezuela.

Ingeso y'ubusambanyi

Hari abibaza ko uwo mugera woba wavuye muri Philippines ariko ngo nta vyemezo babifitiye. Ngo hari amato menshi avayo, ngo woba waje muriyo nzira, niko De Waard avuga.

Ikindi kiranga ico kiza nuko catandukiriye cane abagabo. "Mu miryango imwimwe abagabo 35% baranduye uwo mugera, mu gihe ku bagore 2% bonyene aribo bawufise", niko Pujol avuga.

Igituma ivyo bitigiri bitandukanye ku bagore n'abagabo ni ingeso y'ubusambanyi iri mu basangiye igitsina b'abagabo hamwe n'abasambana mu nzira zibiri, ivyo bikaba bigwiriye mu muryango w'aba Warao, nkuko abahinga bakoze ubushakashatsi bavuga.

Abagabo bakiri bato hamwe n'imisore y'aba Warao
Insiguro y'isanamu, Uwo mugera wandura cane abagabo bakiri bato, ifoto ya Jacobus de Waard

Ni ibisanzwe ku bagabo n'abagore biyumvamwo kandi bakagendera igitsina badasanganywe, gusambana n'abagabo izuba riva mu miryango imwimwe.

Ikindi gituma iyo ngwara yiyongera nuko hari igituntu cinshi mur'uwo muryango, kimaze igihe kirekire kivugwa, bigatuma abo bantu bandura ningoga umugera VIH.

Ikibazo c'imiti yo gupfupfahaza

Ikeha ry'imiti yo gupfupfahaza rituma bigora kugenzura igwirirana ry'umugera wa VIH, ikiza kikaguma ciyongera. Igisata c'ubuvuzi ca Venezuela kimaze igihe kitaronka imiti. Ishirahamwe ry'igihugu rigenzura imiti "Venezuelan Pharmaceutical Federation" rivuga kw'iryo keha ry'imiti riri ku bice 85% vy'imiti yose ikoreshwa.

Uruzi Orinoco

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gushika Orinoco Delta aho aba Warao baba, biragoye cane

"Muri kino gihe harabuze imiti yo gupfupfahaza 24 hakaba n'ibibazo ku yindi 20. Igihe ca nyuma ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwatanze imiti ni mu kwezi kwa mbere mu 2017," niko Regina Lopez, umuyobozi w'igisata ca Onu kigenzura SIDA, UNAIDS co muri Venezuela avuga.

Madamu Lopez avuga ko hari umugambi wo gukemura ikibazo c'aba Warao, harimwo ukubigisha ingene batokwanduzanya.

Baziko uwo mugera bawandura mu muyaga, ukinjirana mu kanwa. Ikindi ni kwumvisha abamaze kwandura ko bakwiye kwivuza.

"Iyo uno mugambi tuwutangura mu myaka ibiri iheze, abantu bafise umugera VIH baba kumbure ari bake muri kino gihe. Twakoze ivyo dushobora twifashijishe ivyo duhambije ariko mu gihe tutaronse imiti yo gupfupfahaza, nta kuntu twotangura kuvura. Ikibabaje nuko tutazi n'igihe tuzoyironkerako," niko Lopez avuga.

Umugabo w'umu Warao apimwa

Ahavuye isanamu, Jacobus de Waard

Insiguro y'isanamu, Nta miti iriho yo gupima abanduye umugera VIH, muri kino gihe uburyo bw'amate nibwo bukoreshwa

Impera y'isi

Iyindi ngorane ituma ico kiza kitagabanuka, n'ukuntu abo ba Warao baba mu karere kagoye gushikamwo. Kugira ugere iyo baba, ujanwa n'ubwato bw'imoteri nabwo bukahagenda amasaha umunani, wamara gushika ku mugwa mukuru w'intara ya Delta Amacuro , Orinoco delta ku birometero 700 uvuye Caracas, nta handi wobandanya uja urenze aho. Ikindi nuko Venezuela iri mu ngorane z'ubutunzi, bikaba bigoye kuronka ibitoro, bigatuma kugendera mu bwoko bw'imoteri bizimvye cane, utavuze ubwicanyi bubera mu kiyaga. Umumenyeshamakuru wa BBC yaragerageje kurondera ubutegetsi ngo bwishure ivyo bibazo vyose ariko ntibwaboneka.

Aba Warao

Ahavuye isanamu, Jacobus de Waard

Insiguro y'isanamu, Gutanga imiti yo gupfupfahaza nibwo buryo bwonyene bwo guhagarika ikiza

Isaha yo ntihagarara

"Turazi ko ico kiza kiguma ciyongera ariko ntawuzi urugero ciyongererako n'abo kimaze guhitana. Ikizwi nuko inyuma y'ingendo zacu za nyuma, igice c'aba Warao bari batowe umugera VIH bamaze gupfa," niko De Waard avuga.

"Uriko uribaza kazoza k'uwo muryango wumva ubwoba. Igitigiri cabo kizokoroka cane, mu nyuma usange barazimanganye." Ikiriko kiraba muri kino gihe nuko benshi bariko barapfa. Nta gukekereza kurico.