Imyiyerekano yahamajwe na Katolika muri Congo Kinshasa

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu bamwe bakomeretse abandi batabwa muri yompi harimwo n'abanyamakuru, mu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza perezida Joseph Kabila muri Congo Kinshasa.
Imyiyerekano y'uno munsi yari yabujijwe n'abategetsi, kandi n'itumatumanako rya internet ryari ryahagaritswe.
Iyo myiyerekano yari yahamagajwe na Ekleziya katolika, aho abantu bari bahamagariwe kwitaba urwo rugendo bateganya gukora mu mutekano, inyuma y'imisa y'umutaga.
Abaja muri iyo myiyerekano bateganya kugenda bitwaje ibitabo vya Bibiriya, imisaraba hamwe n'amashapure.

Ahavuye isanamu, Reuters
Inzego z'umutekano zakoresheje inguvu zikomeye hirya no hino mu bisagara vyo muri ico gihugu, mu guhagarika iyo myiyerekano.
Mu murwa mukuru Kinshasa, urwego rw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rwagiye kugarura amahoro MONUSCO, rumenyesha ko rwarungitse inteko mu ntumbero yo kuja hagati y'abo bari mu myiyerekano n'inzego z'umutekano za leta.
Hamaze kuba imyiyerekano incuro nyinshi kuva ikiringo ca Perezida Kabila kirangiye, haraheze umwaka urenga.
R D Congo ihanzwe kandi n'ibibazo vy'ibitero vy'imigwi yitwaje ibirwanisho cane cane mu buseruko bw'igihugu.










