Facebook igiye guhindura uburyo itanga urubuga ku makuru

Mark Zukerberg

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Facebook ubu ngo izohora ibwira abanywanyi amakuru yo kwizerwa n'ayatari ayo kwizerwa

Umuyobozi nshingwabikorwa ari nawe yashinze urubuga gwa Facebook Mark Zuckerberg, amenyesha ko urubuga rwiwe rugiye kuzohora rubaza abanywanyi inkomoko z'amakuru babona bafitiye icizere kuruta izindi.

Ivyo ngo bizotuma Facebook imenya aboba ikwiye guha uburenganzira bwa mbere ku bakeneye kwifashisha urwo rubuga mw'itangazamakuru.

Abanyamakuru bavuga ko Facebook muri kino gihe ifise abanywanyi bagera kuri miriyaridi zibiri, yifuza guhagarika amakuru y'ibinyoma no gushikuza.

Facebook yafashe iyo ngingo, inyuma y'imyumvikano ikomeye hagati yayo n'ibigo vy'itangazamakuru bifise imirongo ngenderwako ikomeye.

Mu ndwi iheze, Mark Zuckerberg yaheruka kumenyesha ko Facebook igiye guha urubuga cane cane imiryango kurusha amashirahamwe n'ibindi bigo bifise ivyo vyamamaza.