Merkel mu biganiro vyo gushinga reta y'urunani

Martin Schulz wa SPD na Angela Merkel umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Martin Schulz wa SPD na Angela Merkel umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi

Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel aratangura ibindi biganiro vyo kugira urunani n'umugambwe SPD ku wa mungu mu ntumbero yo kurangiza ibibazo vya politike biri muri ico gihugu.

Amezi atatu inyuma y'amatora, Ubudagi n'ubu nta reta bufise.

Ivyo biganiro vy'imisi itanu bizoba birimwo n'umugambwe CDU, umugambwe bacuditse wa SCU hamwe na SPD.

Benshi babona ko ari akaryo ka nyuma aronse ko gushinga reta igizwe n'urunani rukomeye.

Umugambwe wa SPD bafashanije kurongora Ubudagi mu myaka umunani kuri 12 amaze ku butegetsi.

Ariko amajwi make yaronse mu matora yo mu kwezi kw'icenda, yatumye umukuru w'umugambwe wa SPD Martin Schulz yaciye aja mu batavuga rumwe na reta.

Leader of the Social Democratic Party (SPD) Martin Schulz addresses delegates during the party's congress on 8 December, 2017 in Berlin.

Ahavuye isanamu, JOHN MACDOUGALL/AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa SPD Martin Schulz ategerezwa gusugurira abayoboke biwe ko kuja hamwe na Merkel bitazotuma aheba imigambi yabo bishinze