Iran: abantu icenda baguye mu mishamirano n'igipolisi

Ahavuye isanamu, EPA
Abandi bantu icenda bashwe mw'ijoro mu gihe haba itana mu mitwe hagati y'abari mu myiyerekano n'abajejwe umutekano ribandanya muri Iran ku musi ugira gatandatu, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.
Ubo bapfiriye hagati mu karere kohagati mu gihugu ka Isfahan, bashikanye igitigiri c'abagera 22 bamaze kwicwa.
Abari mu myiyerekano batandatu bapfuye mu ciswe igerageza ryo kwiba inkoho ku kirindiro c'abapolisi.
Mu kindi kibanza, bivugwa ko umwana w'umuhungu w'imyaka 11 hamwe n'uwundi mugabo umwe biciwe mu midurumbanyo hamwe n'umusirikare umwe.
Imyiyerekano iriko irabera mu bisagara ni yo ikomeye cane kuva habaye iyiyamiriza ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yo 2009.
Yatanguye ku musi wa kane mu gisagara ca Mashahad, mu ntango biyamiriza iduzwa ry'ibiciro hamwe n'igiturire, ariko ica ikwiragira hose yiyamiriza reta ihari ubu.
Abantu amajana n'amajana baramaze guhagarikwa.
Prezida Hassan Rouhani avuga ko abantu bari mu myiyerekano ari "ba ntambirakaje, ko ata bwoba bateye", ariko akaba yiyemeje guhasha "abarenga ku mategeko".
Amerika iza yamaze kuvuga ko ishigikiye abari mu myiyerekano.










