Emmerson Mnangagwa azoba atandukaniye he na Mugabe?

Ahavuye isanamu, AFP
"Iyi n'intango ya demokrasi nshasha mu gihugu cacu," ni ko Emmerson Mnangagwa yabwiye abamushigikiye mw'ikoraniro rya mbere kuva agarutse muri Zimbabwe. Ariko burya ni vyo?
Mu myaka mirongo itanu, Mnangagwa yari somambike wa prezida Robert Mugabe, kandi bamye bafatanye mu nda.
Bari kumwe mu gihe c'intambara yo kurwanya intwaro y'abazungu b'inkehwa, n'igihe c'intambara yabaye inyuma yo kwibohora.
Ari inyuma kandi y'ibikorwa vyinshi vyo guhasha abantu vyafashije Mugabe kuguma ku butegetsi.
Ariko hariho ubudasa bukomeye hagati y'uwo mugabo agiye kuba prezida wa Zimbabwe hamwe n'uwo agiye gusubirira.
Utu ni tumwe mu turorera:
Urwaruka ruramushigikiye

Ahavuye isanamu, AFP
Mnangagwa ashobora kuba ari mu myaka 70 ariko aguma ari muto nk'imyaka mirongo ibiri kuri prezida agiye gusubirira.
Hariho impari zo kumenya nimba afise imyaka 71 canke 75.
Bivugwa ko Mnangagwa yarusimvye agira anyongwe igihe yafatwa igihe c'intambara yo kwikukira mu kubesha ku myaka yiwe.
Ariko igihe Mugabe yashaka gufata ingingo ruhasha, bivugwa ko Mnangagwa yacisha bugufi mu vyo akora, mu ntumbero gusa yo gushika kuco atumbereye.
Mu gihe amatora ategekanijwe mu mwaka uza, benshi mubo mu mugambwe uri ku butegetsi wa Zanu-PF, urongowe n'abagwaniye ukwikukira, wipfuza ko azokwiyegereza urwaruka.

Ahavuye isanamu, AFP
Ariko, co kimwe na Mugabe, azwi kuba ata mbabazi agira. Ni we yari ajejwe umutekano w'igihugu igihe haba ubwicanyi bw'i Matabeland mu myaka ya 1980, aho abantu boba bashika 20.00 bishwe bagirizwa kuba mu mugwi w'abagwanyi.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu amwagiriza kuba ari inyuma y'ibikorwa vyo guhohotera abatavuga rumwe na retainyuma y'amatora yabayemwo impari ya 2008.
Ikibazo rero gikomeye gihanze Zimbabwe, n'ukumenya nimba azoreka amatora yimirije akaba mu muco kandi ata ho yegamiye.
Ntapfa gufata ingingo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nk'umuntu asanzwe yumviriza ivyiyumviro vy'abandi, nta nkeka ko Mnangagwa adapfa gufata ingingo nka Mugabe.
Bivugwa ko yoba yaragiraniye ibiganiro vyo mu kinyegero n'umukuru w'abatavuga rumwe na reta Morgan Tsvangirai, n'aho BBC itashoboye kuronka inkuru zivuye ku bantu ata ho begamiye.
N'aho bikiri nk'ukwezi kwemeza ko ko ashobora gushinga reta y'ubumwe, bisa n'uko bishoboka gusumba uko vyari bimeze haraheze indwi imwe.
Kuri Mnangagwa , ikintu gisumba vyose- ni ukwereka amakungu ko igihugu ciwe gitekanye kugira habe abashora imitahe ata bwoba.
Aha ikaze abashora imitahe

Ahavuye isanamu, Reuters
Stanley Kwenda, umumenyeshamakuru wa BBC i Harare avuga ko Mnangagwa azwi neza mu gisata c'ubudandaji, kandi ko yagerageje gukingira imirima yimbuka cane y'abazungu igihe hafatwa ingingo yatewe impari yo gusubiramwo itunganywa ry'amatongo.
Mnangagwa yarabaye umushikiranganji w'ikigega ca reta hagati ya 1995-1996, igihe hari ubutunzi bukimeze neza muri ico gihugu.
Mu kiganiro yatanzwe mu mwaka uheze, yavuze ko "imitahe ija ahantu hameze neza kandi hashushe, iyo rero hakanye, ica ija mu gihugu kimeze neza".
Ibi vyagaragaye nk'uko yavuga ibihe bitoroshe vy'ubutunzi Zimbabwe irimwo, hamwe n'igikwiye gukorwa mu guhindura ibintu inyuma y'imyaka y'ibihano vyashizweho inyuma yo kwaka amatongo abazungu.
Mw'ijambo ryiwe amaze kugaruka avuye mu buhungiro, yavuze ko ico agiye kwitaho cane ari " akazi, akazi, akazi".










