Zimbabwe: Igisirikare ngo nticahiritse ubutegetsi

Insiguro ya video, Impinduka za politike muri Zimbabwe

Igisirikare c'igihugu ca Zimbabwe kigenzura igihugu muri kino gihe, camenyesheje ko kitahiritse ubutegetsi, ko Perezida Robert Mugabe n'imuryango ataco binona, ko bakomeye.

Ibiduga vy'ingwano nivyo biboneka mu mabarabara, bigenzura umugwa mukuru Harare inyuma y'urwamo rw'amasasu ijoro ryose.

Perezida wa Afrika Yepfo Jacob Zuma yavuze ko Robert Mugabe apfungiwe mu nzu iwe.

Inteko za gisirikare nizo ziriko ziragenzura umugwa mukuru Harare

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Inteko za gisirikare nizo ziriko ziragenzura umugwa mukuru Harare

Inyuma yo kwigarurira televiziyo y'igihugu, umuvugizi w'igisirikare yavuze ko bahiga abantu begereye Bwana Mugabe, batumye igihugu kigira ingorane mu vy'imibano n'ubutunzi.

Ivyo bibaye inyuma yaho Bwana Mugabe akuriye mu mabanga icegera ciwe, Emmerson Mnangagwa agomba kumusubiriza umugore wiwe, Grace.

Ibisasu vya muzinga vyumvikanye mu buraruko bw'umugwa mukuru Harare, mu bucagucagu ku munsi wa gatatu.

Mugabe ntaco aravuga, ariko igihugu yararongoye kuva cikukira gisa n'icamaze gutemba mu vy'ubutunzi.

Abasirikare ba mu bimodoka vyo mu bwoko bwa "blindé" bariko bagenzura igisagara ku wa gatatu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba mu bimodoka vyo mu bwoko bwa "blindé" bariko bagenzura igisagara ku wa gatatu

Abasirikare basigura gute iryo hindura ry'ubutegetsi?

Inyuma yaho abasirikare bafatiye radiyo na televiziyo vy'igihugu ZBC, Maj Gen Sibusiso Moyo yavuze ko igisirikare cipfuza "kwizeza igihugu ko nyakubahwa umukuru w'igihugu hamwe n'umuryango wiwe bakomeye kandi ko n'umutekano wabo ukwiye".

"Duhama gusa inkozi z'ikibi zatumye igihugu kigwa mu bibazo vy'imibano n'ubutunzi," niko yavuze.

"Nitwarangiza ico gikogwa, twizeye ko ibintu bica bisubira mu buryo".

Abanyagihugu basabwe kuguma batekanye no kwirinda gusohoka.

Ryoba ari ihirika ry'ubutegetsi?

Alex Magaisa, umuhanuzi wa kera w'umukuru w'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi Morgan Tsvangirai, yabwiye BBC ati: "Ntibashatse kuvyita ihirika ry'ubutegetsi kuko bazi ko ataho vyobashikana, ko vyokwiyamirizwa.

General Chiwenga yari yagabishije ko igisirikare gishobora gufata ibintu mu minwe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, General Chiwenga yari yagabishije ko igisirikare gishobora gufata ibintu mu minwe

"Ariko wihweje ibijanye n'ubutegetsi, biribonekeza ko Perezida Mugabe ari umukuru w'igihugu kw'izina ariko ko ubutegetsi buri mu minwe y'igisirikare."

Umugambwe Zanu-PF wagirije Gen Chiwenga "guhemukira igihugu" inyuma yaho agabishirije ko igisirikare gishobora kwinjira mu biriko biraba.