Wosuka acide kuwo ukunda ku gufuha?

Berlinah Wallace yakanye ko yishe

Ahavuye isanamu, Family handout

Insiguro y'isanamu, Berlinah Wallace yakanye ko yishe

Umugore aturuka muri Afrika Yepfo yasutse acide ku muhungu bakundana kubera gufuha, ariko aburanishwa mu gihugu c'Ubwongereza.

Berlinah Wallace ngo yoba yavuze ati "Ntashoboye kukuronka, nta wundi azokuronka" asuka iyo acide kuri Mark van Dongen mu nzu iwe i Bristol, mu kwezi kw'icenda mu 2015, haheze amayinga urukundo rwabo rwari rumaze imyaka itanu ruheze.

Yapfiriye aho avuka mu Bubiligi inyuma y'amezi 15, hakoreshejwe uburyo bwa "euthanasie"(uburyo bwo kwica umuntu atiriwe arababara).

Abaganga baremeye ko Bwana van Dongen arangirizwa ubuzima mur'ubwo buryo, mu gihe yari yatimvye kuva kw'izosi uja hasi, atari agifise ukuguru kw'ibubamfu, ijisho ry'ububamfu ritari rikibona hamwe n'igice kinini c'ijisho ry'uburyo, inyuma yaho aterewe iyo acide bigatuma abaho mu bubabare umuntu atokwihanganira.

Umukenyezi Wallace, 48, yiga rimwe na rimwe ivyo gushona yakuriye mu ntara ya Gauteng muri Afrika Yepfo, yahakanye ko yishe uwo muhungu, nuko yamusutseko ubwo bumara.

Urwo rubanza ruzobandanya.