Abagore 100:" "Ntidushobora kwigisha abakobwa kazoza dukoresheje ibitabo vyo muri kahise"

Ahavuye isanamu, UNESCO / GEM Report
Mu bitabo vyo gusoma vy'abanyeshure muri Tanzania, abahungu baberekana bafise inguvu mu gihe abigeme abakobwa bagaragara banezerejwe n'ingene basokoje.
Muri Haiti, abanyeshure biga ko abapfasoni " barera abana bakanateka imfungurwa" mu gihe abagabo "baba bariko barakora mu biro".
Hari igitabo co muri Pakistan aho abanye politike bose, abategetsi n'abantu bakomeye mu gihugu bose ari abagabo.
Muri Turkia, hari igitabo gushushanijemwo umwana w'umuhungu indoto ziwe ari kuba umuganga (Docteur).
Hagati aho, umwigeme aba ariko irbaza uko azoba yambaye ku bugeni.
Urutonde ni rurerure- kandi hose kw'isi,.

Ahavuye isanamu, UNESCO / GEM Report
Amacakubiri afatiye ku gitsina aragaragara mu bitabo vyo mu mashure matomato kandi usanga yose ameze kumwe ku migabane yose, nk'uko abahinga benshi babivuga,
N'ikibazo "cinyegeje ahantu hagaragara".
"Hariho amacakubiri afatiye ku gitsina ku bahungu n'abigeme yinyegeje inyuma y'ikintu kigaragara nk'imirimo isanzwe izwi bamwe bose bagenewe," uko ni ko umuhinga muvyo imibano Rae Lesser Bumberg avuga.

Ahavuye isanamu, UNESCO / GEM Report
Prof Blumberg wo kuri kaminuza ya Virginia, yaragize ubushakashatsi ku bitabo vyo mu mashure vyo mu bihugu vyose vyo kwisi mu myaka irenga cumi, akavuga ko yabonye ko abapfasoni badafise ikibanza gihagije canke bagashushanywa mu bintu ata co bimaze.
"Icinyizwa rifatiye ku gitsina n'ikibazo c'inyigisho zidafashe, atari nk'iyivugwa cane mu binyamakuru nk'iyo imiliyoni n'imiliyoni y'abana batagiye kw'ishure," ni ko yavuze.


Abagore 100 ni ibiki?
BBC 100 Women itora abagore 100 bashobora gutuma ibintu bihinduka, bobera akarorero abandi kw'isi yose kira mwaka.
Muri uno mwaka w'i 2017, tubasaba kwicarira ingorane nyamukuru zine zihanze abagore - kurondera kuroranigwa, ukutaja mw'ishuli ku bakobwa, ugukubagugwa ku mugaragaro hamwe no gushira ikibazo c'ibitsina mw'ikarashishi.
Ufashije, birashobora gutuma batorera inyishu ivyo bibazo, kandi twipfuza ko woterera ivyiyumviro. Turondere kuri Facebook, Instagram na Twitter ukoresheje #100Women

N'aho igitigiri c'abana baja kw'ishure congerekanye kuva mu 2000, Unesco igereranya ko abana barenga imiliyoni 60 badahonyoza ikirenge mw'ishure- 54% bakaba ari abigeme.
"Ibi bitabo bigwiza ukutangana ku bitsina," ni ko Prof Blumberg avuga, "Ntidushobora kwigisha abana kazoza mu bitabo vyo muri kahise."

Ahavuye isanamu, UNESCO / GEM Report
N'ukutagaragara canke ni agacinyizo
Mu mwaka uheze, ishami rya Onu rijejwe indero kw'isi, Unesco ryarasohoye itangazo rigabisha.
Amacakubiri afatiye ku gitsina akwiye hose ku buryo ibitabo bigiramwo usanga ari vyo bitera ingorane mu kwiga kw'abigeme, bikababuza gutera intambwe mu mu buzi no mu vyo bipfuza gushikako mu buzima bwabo, nk'uko bivugwa na Unesco- kandi bica biba "inzitizi yinyegeje" mu gushika ku buringanire bw'ibitsina.
Haba mu bisomwa, mu mazina, umutwe w'ivyigwa, canke mu gusubiramwo ivyavuzwe canke ibindi, "Amatohoza yerekana ko abagore batari benshi mu bitabo bigishirizamwo no mu vyigwa biga.", ni ko Aaron Benavot yigisha kuri kaminuza ya Albanyu, akaba yarigeze gutwara igisata c'uburezi (GEM) muri Unesco mu 2016, avuga.

Ahavuye isanamu, UNESCO / GEM Report










