Ingaruka mbi yo kwambara ibirato ata mashesheti

Ahavuye isanamu, Getty Images
Wambaye ibirato vyawe udashizemwo amashesheti uba uriko uritera ingorane gusumba aho wonuka ibirenge gusa.
Kaminuza yigisha kuvura amaguru mu Bwongereza ivuga ko ingwara zandukira zivuye kukwongerekana kw'abantu baharaye kwambara ibirato ata masheshete, na cane cane mu rwaruka, ziguma zongerekana.
Umuhinga Emma Stephenson avuga ko yakiriye abagabo bafise imyaka iri hagati18-25 bafise ingorane ku maguru zivuye kutambara amashesheti canke ibirato bitabakwira neza.
Kutambara amashesheti ubu ni vyo biharawe, kandi n'umuririmvyi Sam Smith ni umwe mu bantu akunda kugaragara yambaye ibirato ata masheshet.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mukwerekana imideli, akenshi abagabo benshi berekana impuzu batambaye amashesheti.
Umuririmvyi Tinie Tempah yaratsindiye udushimwe twinshi kubera imideli.
Na we nyene kenshi ntaba yambaye aashesheti- none yoba azi ingaruka yavyo?

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Mu bisanzwe amaguru y'umuntu avamwo ilitiro 0.28 z'icuya buri musi," ni ko Emma Stephenson avuga.
"Ubukanye n'intuguta bishobora gutuma haba kwandukizanya ingwara zituma urukoba ruseruka izwi mu congereza kw'izina rya "Athlete's foot)."
Nk'uko Emma abivuga, ingaruka yavyo ni mbi cane.
"Bimwe mu bintu bibi nigeze kubona, ni umuhungu umwe w'imyaka 19 akora akazi ko kwoza imodoka.
Amaguru yiwe yavamwo intuguta nyisnhi cane kandi yaravuyeko irangi ry'umubiri."
Ariko vyotwara igihe kitari gito kwumvisha Conor McGregor ko ashobora kugira ingorane bivuye ku mudeli wiwe wo kwambara ibirato bitagira amashesheti.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Emma ahanura ko vyiza umuntu atorenza urugero, mu gihe woshaka kwambara ibirato ata mashesheti.
Wogerageza ntiwambare ibirato bitagira amashesheti igihe kirekire.
N'ukugerageza kandi ugashiramwo ikintu kinunuza intuguta mu kirato cawe imbere yo kucambara utashizemwo amashesheti.
Ikindi, ni ukwama uraba ibirenge vyawe, wumvise hari ahantu ubabara, tabaranya usabe impanuro kwa muganga.










