Abasirikare ba US na Niger baguye mu mutego

Ikarata ya Niger
Insiguro y'isanamu, Ikarata ya Niger

Abasirikare batatu ba Amerika bishwe abandi babiri barakomereka mu mutego w'abantu batamenyekanye mu gihugu ca Niger ku rubibe rwa Mali, niko amakuru ashikirizwa avuga.

Bivugwa ko hari abasirikare benshi bo muri Niger bapfuye muri ico gitero.

Igisirikare ca Amerika gikorera kuri Afrika "US Africa Command" cavuze ko abasirikare bari mu bikogwa vyo kugenzura akarere "baguye mu muriro w'umwansi", ko kiriko kirarondera gutanga amakuru arambuye.

Igisirikare ca Amerika kimaze igihe giha imyimenyerezo igisirikare ca Niger, kugira ngo gishobora kugwanya intagondwa z'aba Islamu ziri mu karere zirimwo izo mw'ishami rya al-Qaeda ryo mu buraruko bwa Afrika.

Abo bagwanyi bakorera cane mu gihugu kibanyi ca Mali, aho abasirikare b'abafaransa bigeze guhangana nabo mu 2013 bababuza kugana igisagara.

Umugwi Boko Haram, uri muri Nigeria mu bumanuko, uramaze kugaba ibitero vyinshi muri Niger.

Prezida wa Amerika Donald Trump yashikirijwe amakuru y'ico gitero n'uwurongoye ingabo John Kelly, nkuko umuvugizi wa White House Sarah Sanders yavuze.

Ku bw'ikinyamakuru New York Times, gisubiramwo ivyavuzwe n' umusirikare, abasirikare batatu bo mu mugwi "Army Green Berets"-inteko zihambaye za Amerika- bishwe mu mutego ku birometero 193 mu buraruko bwa Niamey, umugwa mukuru wa Niger.

Ico kinyamakuru kivuga ko babaye abasirikare b'abanyamerika ba mbere baguye mu minwe y'umwansi kuva igihe umugwi "US Africa Command" ugomorewe muri Niger.

Abasirikare babiri ba Amerika bakomeretse ntibababaye cane, bakaba bagiye kuvurigwa mu Budagi, niko itororokanirizo ry'amakuru CNN ryavuze.

Umutegetsi wo mu ntara ya Tillaberi yabwiye Reuters ko abasirikare batanu ba Niger bari mu bapfuye.

Ubutegetsi ntibwashoboye kuvuga abarashe abo basirikare abaribo.