Abapfasoni boshobora guhindura iki mu ndwi imwe?

Rais Sirleaf, Peggy Whison na Steph Houghton

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ikindi kiringo c'ibiganiro vy'abapfasoni 100 ba BBC kirashitse.

Gushika ubu amazina 60 ni yo amaze kumenyekana, harimwo umukozi w'ikigo ca NASA kiraba ibigendajuru Peggy Whison, prezida wa Liberia Ellen Johnon Sirleaf, umunyamuziki Tiwa Savage wo muri Nigeria hamwe n'umukinyi w'umupira w'amaguru mu Bwongereza Steph Houghton.

Ayandi mazina 40 aongerezwa mu kwezi kwa cumi.

Ibi biganiro biba buri mwaka- vyihweza i bibazo bihanze abapfasoni kw'isi yose, uyu mwaka bikaba bigamije gusaba abapfasoni kugira ico bahinduye.

Muri urwo rutonde kandi harimwo umunyavyese Rupi Kaur, umupfasoni yafashwe ku nguvu Resham Khan hamwe n'uwuharanira agateka ka muntu Jin Xing.

Jin Xing

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jin Xing

Icinyizwa ry'abapfasoni, ubusumbasumbane no kutagaragara kw'abapfasoni mu bintu vyinshi bituma abapfasoni basigara inyuma kandi bigaca intege.

Kubera ivyo, uyu mwaka dusaba abapfasoni kwerekana inzira zo guhangana n'ivyo bintu bituma habura uburinganire ku bapfasoni.

Mu gihe ubaye umwaka ugira gatanu, Abapfasoni 100 ba BBC, hazoshimikirwako ibibazo bine: Gushika mu bibanza bigaragara ko atari ibisanzwe ku mupfasoni, amashure ku mupfasoni, icinyizwa mu mibano hamwe n'ikumirwa mu nkino bifatiye ku gitsina.

100 Women Challenge logo

Bamwe mubari kuri urwo rutonde rw'abapfasoni 100 ba BBC bazofashanya mu bisagara bine bitandukanye mu ndwi zine z'ukwezi kwa cumi gushiraho inzira zotuma bafasha abantu no gutorera inyishu izo ngorane.

Abandi bazotanga impanuro n'ivyiyumviro bari mu mpande baherereyemwo kw'isi.

Kugira ikiganiro Abapfasoni 100 kigire ico gishitseko n'uko abapfasoni bose kw'isi bofasha gutegera igituma ibi bibazo biremereye cane.

Kubera ko bashikiriza ivyiyumviro vyiza bamaze kubona canke bonyene bagashikiriza ibibazo bafise.

Kandi si ivyiyumviro gusa- Abapfasoni 100 kizoca no kw'iradiyo, no ku mbuga zitandukanye harimwo n'izikoreshwa n'abantu benshi.

Nairobi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ikibazo co gushika mu bibanza bigaragara ko bidasanzwe ku mupfasoni kizokwigirwa i San Francisco, ico amashure ku bapfasoni kizobera i Delhi, icinyizwa mu mibano ni mu gisagara ca Londres hanyuma ivangura rifatiye ku gitsina mu nkino ni i Nairobi.

Ariko ibibazo bizoba biraba isi yose kandi twipfuza intererano y'abapfasoni bose kw'isi.

Kubera ivyo rero vugana natwe ku mbuga ngurukanabumenyi za Facebook na Twitter mukoresheje ikimenyetso #Abapfasoni100.