Amerika yagiriza Korea ya ruguru kwipfuza intambara

Haley amesema teknolojia ya Korea ya Kaskazini kwenye mabomu ya nyukilia ni ya hatari na haina mfano
Insiguro y'isanamu, Haley avuga ko ubuhinga bwa Korea ya ruguru ku bisase vy'ubumara biteye ubwoba kandi ata n'ico wobigereranya

Uwuserukira Amerika muri Onu yagirije Korea ya ruguru kwipfuza intambara kubera ibikorwa vyo kugerageza ibisase vya buri musi.

Nikki Haley yasavye ko haba ikiringo cihuta c'akanama kajejwe umutekano kw'isi co kwishura kuri iryo geragezwa ry'ibisase ku buryo bukaze.

"Amerika ntiyipfuza intambara," ni ko yavuze. " Ubu nta ntambara twipfuza ariko ukwihangana kw'igihugu cacu ntikotubuza."

Mu nyuma, mu kiganiro bagiranye kuri telefone na Trump, umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel yavuze ko azosaba ko hoshirwaho ibihano bikomeye n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ku gihugu ca Korea ya ruguru.

Ariko Ubushinwa buguma busaba ko impande zose zigaruka mu biganiro.

Baraza la usalama la umoja wa mataifa mara ya mwisho liliweka vikwazo kwa Korea Kaskazini juu ya bidhaa zake mwezi Agosti
Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kw'umunani ni ho akanama kajejwe umutekano kw'isi kaheruka gufatira ibihano Korea ya ruguru mu buza ico gihugu gushorera ibintu vyaco hanze

Inkuru zivuga ko Korea ya ruguru iriko iritegurira kugerageza ibindi bisase.

Ku musi w'Imana yaragerageje igisase co mu kuzimu vyemezwa ko cari gifise inguvu ziri hagati ya kilotone 20 na 120.

Ico kisase gishobora kugira inguvu zirenze incuro zitatu z'ikibombe cakoreshejwe mu gusenyura igisagara ca Hiroshima mu 1945.

Ubushinwa ntibwipfuza ko ico gihugu kigira ibirwanisho vy'ubumara kandi rimwe na rimwe bwagiye bwerekana aho buhagaze kuri ico gihugu.

Ariko kandi ico gihugu nticipfuza ko abari ku butegetsi muri Korea ya ruguru babuvako.

Ivyo vyotuma hahungira mu Bushinwa impunzi nyinshi zivuye muri Korea ya ruguru, hanyuma Korea zose zigasubiza hamwe mu kuba somambike w'igihugu ca Amerika.