Igitero ku barwanyi ba ISIS i Tal Afar muri Irake catanguye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Irake hamwe n'imigwi igifasha bagavye igitero gikomeye mu muji wa Tal Afar uri mu buraruko, ku birindiro vy'abarwanyi b'umugwi wiyita "Leta ya Islam".
Uwo muji ni umwe mu bibanza bike "Leta ya Islam" igifisemwo ibirindiro bikomeye mu gihugu ca Irake.
Aho yatangaza intango y'ico gitero, umushikiranganji wa mbere wa Irake, Haider al-Abadi yavuze ko abarwanyi bategerezwa guhitamwo hagati yo kwishikana no gupfa.
Vyibazwako uwo mugwi ufise abarwanyi bashika ku bihumbi bibiri muri uwo muji.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bari bamaze iminsi bagabwako ibitero vy'indege, ubu naho abasirikare barwanira ku butakaba bakaba bariko baraza baciye mu mpandi nyinshi.
Benshi mu banyagihugu b'i Tal Afar baramaze guhunga, ariko vyibazwa ko abashika ku bihumbi mirongo ine boba ariho bakiri.






