Imyuzure mu Buhindi, Nepal na Bangladesh yishe 250

Abantu baharugwa mu ma miliyoni barageramiwe kubera imyuzure yaturutse ku mvura nyinshi itegwa n'umuyaga "mousson" murako karere.

Umugabo ajabuka imyuzure muri komine ya Saptari muri Nepal.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu barenga 250 bapfuye kubera imvura itegwa n'umuyaga "mousson" yatumye haba imyuzure mu Buhindi, Nepal na Bangladesh. Abantu imiliyoni bari mu kangaratete mu gihe ubutegetsi buguma burondera gushika mu turere twatandukiriwe. Uno mugabo ariko arajabuka mu myuzure y'amazi muri komine ya Saptari muri Nepal.
Inzovu isoboka mu myuzure ihetse abantu batatu i Koliabor mu Buhindi.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inzovu isoboka mu myuzure i Koliabor mu Buhindi. Hafi abantu imiliyoni cumi barageramiwe kubera imyuzure mu buseruko bw'igihugu.
Ingene Janakpur vyifashe urabiye mu ndege mu kirere.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingene imyuzure yibasiye akarere urabiye mu ndege mu kirere hafi Janakpur muri Nepal. Ibice vy'amabarabara makuru hamwe n'ibiraro vyazimanganye kubera imvura bituma ubutegetsi budashobora gushika mu bibanza bimwe bimwe.
Abantu bahagaze baraba ivy'imyuzure yakoze hafi y'inzu ahitwa Kurigram, mu buraruko bwa Bangladesh.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu bahagaze baraba ivy'imyuzure yakoze hafi y'inzu ahitwa Kurigram, mu buraruko bwa Bangladesh. Imvura imaze iminsi myinshi igwa yatumye inzuzi zisesa.
Umugabo w'umuhindi afise umutaka agwana n'imyuzure mw'ibarabara ahitwa Agartala muri Tripura.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugabo w'umuhindi agwana n'amazi mw'ibarabara ry'imyuzure i Agartala, umugwa mukuru w'intara ya Tripura iri mu buraruko bushira ubuseruko.
Abanyagihugu ba Nepal bakoresha ikibando mu gufashanya kujabuka imyuzure muri komine ya Birgunj Parsa.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu bafashanya kujabuka kubera imyuzure muri komine ya Birgunj Parsa muri Nepal.