Nadal yavuye mw'ihiganwa rya Wimbledon

Icizere ca Rafael Nadal co gutsinda ubugira gatatu ihiganwa rya Wimbledon kigiye kurindira umwaka uza inyuma yaho uwuri mu kibanza ca 16, Gilles Muller wo muri Luxembourg amutsindiye.
Bitumye indoto z'uwo mukinyi wo muri Espagne zo gutsinda gatatu gatatu yikurikiranya amahiganwa French Open na Wimbledon zirangira.

Muller w'imyaka 34, azohura n'umunya Croatia ari mu kibanza c'indwi Marin Cilic mu gice c'ica kane.
"Nti vyari vyoroshe," niko Muller yavuze, mu gihe agiye gukina mu gice c'ica kane ubwa mbere kuva mu 2008 mw'ihiganwa rya US open.






