Bobi Wine ararahizwa mu nama nshingamateka

Ahavuye isanamu, Bobi Wine
Umuririmvyi w'indirimbo za reggae muri Uganda, Robert Kyagunyi Ssentamu, azwi kw'izina rya Bobi Wine, ararahizwa uyu musi nk'umushingamateka w'akarere ka Kyadondo East.
Wine yiyamamarije ayo mabanga ku giti ciwe, atsinda abo bahanganye bane aho yaronse amajwi 25.659 ku batoye 33.310 mu matora yabaye itariki 29 z'ukwezi kwa gatandatu.
Yavuze ko yinjiye mu nama nshingamateka nk'umutegetsi ariko atari umunye politike, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca New Vision.
Umugambwe uri ku butegetsi wa NRM hamwe n'abatavuga rumwe na reta baguma bamusaba kwifatanya na buri ruhande.
Ifoto ya Wine ariko araramutsa prezida Museveni mu misa yaranebaguwe na bamwe mu bamushiikiye ku mbuga ngurukanabumenyi.
Ku mabarabara hariko haragurishwa ibimenyetso vyanditseko Bobi Wine, abagendesha amapikip[iki na bo bakaba batari batanzwe kumuherekeza mu nama nshingamateka.










