Peresida Buhari yongeye gusubira mu Bwongereza kwivuza

Ahavuye isanamu, NIGERIA PRESIDENCY
Perezida Muhammadu Buhari yaheruka kumara amezi abiri i Londres, akaba yari yaramenyesheje ko shobora kwongera gukenera kwisuzumisha gushasha.
Ku ncuro zike yagiye ahabona mu kwezi kwa gatatu, yagaragara ko amagara yiwe atameze neza.
Icegera c'umukuru w'igihugu Yemi Osinbajo niwe azoba aramukorera mu ngata mu gihe c'infatakibanza mu kurindira ko agaruka.
Igihe co kugaruka kwa Buhari co, umuvugizi wiwe avuga ko kizomenyekana biturutse ku baganga.

Ahavuye isanamu, Reuters
Imbere yo guhaguruka n'indege mu muji wa Abuja, perezida Buhari yabanje kuja kuraba abana b'abakobwa bagera kuri 82 bari baranyurujwe bakurwa kw'ishure rya Chibock, babohojwe bagujijwe n'imbohe z'umugwi Boko Haram.
Biteganijwe ko abo bakobwa babonana n'imiryango yabo uno munsi






