I Burundi bariyamiriza ibiganiro biri Arusha

Imyiyerekano yatumweko n'abigenga

Ahavuye isanamu, BBC Bujumbura

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano yahamagajwe n'amashirahamwe yatumweko mu gihugu cose

Mu Burundi habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ibizova mu biganiro biriko bibera i Arisha, bitegekanya kurangira uyu munsi.

Imyiyerekano yateguwe n'amwe mu mashirahamwe y'abikorera utwabo, abonwa na bamwe ko 'yegereye ubutegetsi'.

Bamwe mu bari mu myiyerekano iBujumbura

Ahavuye isanamu, BBC Bujumbura

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano basaba leta y'Uburundi kudahirahira ngo itange ikigongwe c'agateganyo

Basavye kandi ihagarikwa ry'abantu bagera kur 34 bagirizwa gutegura ico bise imigumuko hamwe n'igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi mur 2015.

Ariko ntibavuze amazina yabo, n'ubwo bavuga ko igitigiri cabo ari 34.

Imyiyerekano yari yatumweko mu gihugu hose

Ahavuye isanamu, BBC Bujumbura

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano yari iBujumbura no ku yindi migwa mikuru y'intara

Mugabo abari mu myiyerekano basavye leta ko itohirabira ngo ibahe ubudahangangwa.

Basaba leta kuhagabira kuko ngo amakungu ashobora kurungika inteko mvamakungu zo gukingira abo bise abagumutsi.

Ikindi biyamirije ngo ni 'abahuza b'abomekerano'Mu Burundi habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ibizova mu biganiro biriko bibera i Arisha, bitegekanya kurangira uyu munsi.