Leta ya Congo ngo nta matora ishobora gutunganya mu 2017

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikiringo c'intwaro ya perezida Joseph Kabila carangiye mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze, ariko leta ivuga ko ata matora ashoboka imbere y'umwaka uza.
Amaserano leta yaheruka kugirana n'abo batavuga rumwe yavuga ko amatora ashobora gutunganywa mu mpera z'uyu mwaka.
Ariko umushikiranganji Pierre Kangudia yamenyesheje ko umugwi w'igihugu ushinzwe gutunganya amatora ugereranya ko amatora ashobora gutwara miriyaridi 1.8 z'amadorari ya Amerika.
Ayo mafaranga yose umushikiranganji ajejwe ikigega avuga ko leta ya Congo idashobora kuyabona.
Abagwanya perezida Joseph Kabila bamwagiriza ko yakomeje kwigizayo amatora mu ntumbero yo kuguma ku butegetsi.






