Inama ku matati ya Israel na Palestine mu Bufaransa

Ahavuye isanamu, AFP
Inama mpuzamakungu ifise intumbero yo gusubira gutanguza ibiganiro vy'amahoro hagati ya Palestine na Israel igiye kuzobera i Paris mu Bufaransa.
Intumwa zivuye mu bihugu 70 ni zo zitezwe kuza gushigikira ko hoba inyishu y'ibihugu bibiri yorangiza imishamirano imaze imyaka irenga mirongo ibiri.
Abanye Palestine bashimye itegurwa ry'iyo namaariko Israel - itazonitaba iyo nama - iviga ko iyo nama ari iyo kuyigwanya.

Ahavuye isanamu, AFP
Ibiganiro vya nyuma vyaheze ata co bishitseko mu kwezi kwa kane mu 2014.
Israel na Palestine batumweko kugira bashikirizwe ivyavuye muri iyo nama, ariko si ukuyigiramwo uruhara.
Iyo nama ibaye mu gihe hari umwuka mubi hagati ya Israel n'amakungu inyuma y'aho Onu yemereje ingingo mu kwezi guheze ibuza ico gihugu kubandanya kwuba mu turere ta Palestine cigaruriye.

Ahavuye isanamu, AFP
Israel yagirije ubutegetsi bwa Obama ko ari bwo bwafashe mu mugongo iyo ngingo gushika aho yemezwa mukudakoresha ijwi ry'iturufu 'veto' mu kanama ka Onu kajejwe umutekano.
Ivyo ariko ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika birabihakana.










