Amerika igiye gukaza umutekano w'imashini z'amatora

Ahavuye isanamu, Reuters
Urwego rujejwe umutekano w'imbere mu gihugu muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ruvuga ko rugiye gukaza umutekano w'imashini z'amatora.
Ivyo ngo ni mu ntumbero yo kubuza ko zikorerwako ubusuma bw'ubuhinga bwa none hakoreshejwe za mudasobwa.
Ibikoreshwa mu matora vyashizwe ku rwego rw'ibikoresho vy'igihugu bihambaye, nyuma y'ivyagiriji vy'uko ubusuma hakoreshejwe mudasobwa bwoba bwaragizwe n'Uburusiya.

Ahavuye isanamu, AFP
Mu cegeranyo c'ibanga casizwe ahabona, abajejwe iperereza ku nshuro ya mbere batunze urutoke Prezida Putin bamwagiriza kuba we nyene yarategetse ko ubwo busuma bukorwa kugira Donald Trump aronke amahirwe yo gutsinda amatora.
Uwugiye kuba icegera c'umukuru w'igihugu muri Amerika, Mike Pence, yavuze ko bwana Trump azohagurukira bimwe bikomeye ibitero bikorwa hakoreshejwe mudasobwa, mu minsi yambere y'ubutegetsi bwiwe.






