Umuhuza w'abarundi Benjamin Mkapa yitezwe i Bujumbura

Umuhuza mu biganiro vy'abarundi bibera hanze Benjamin William Mkapa aritezwe mu Burundi kuri uyu wa gatatu.
Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania bitegekanijwe ko azobonana n'abarongoye igihugu, abanyepolitike, n'abaserukira ibihugu vyabo.
Aje gutegura iyindi nama y'ibiganiro binbera hanze . Iya nyuma yaheruka yabereye i Arusha muri Tanzania. Gushika ubu hagumye impari ku kibazo c'abotumirwa muri ivyo biganiro.
Leta y'Uburundi ivuga ko hari abo badashobora kwicarana kuko baronderwa n'ubutungane ku ruhara bagize mu migumuko no mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015.
Bamwe muri abo bari muri CNARED , urunani rushingiye hanze y'igihugu rurimwo bamwe mu ndongizi z'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.
Umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD uvuga ko ibiganiro bibera hanze bikwiye gutahukanwa mu Burundi bikunganira i vyo mu gihugu hagati bigeze ku ntambwe yanyuma. Ivyo navyo hari ababinegura bavuga ko bihuza abiyumva mu butegetsi bwa leta gusa.

Benjamin Mkapa yagenywe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya africa y'uberuko mu mpera za 2015 kugira yunganganire umukuru wa Uganda Kaguta Museveni mu guhuza abarundi ku bibazo vyandurutse ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu.






