Obama arahumuriza amakungu ku butegetsi bwa Trump

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGE
Prezida Barack Obama yahumurije ibihugu bacuditse ko uwugiye kumusubirira, Donald Trump azokwubahiriza imigenderanire bafitanye igihe azoja muri ico kibanza mu kwezi kwa mbere.
Prezida Obama yabwiye abamenyeshamakuru ko Trump yavuze ko Amerika izogumana igihagararo ifise muri Otan.
Ivyo yabivuze imbere y’amasaha make ngo ashike ku mugwa mukuru w’Ubugiliki, Athenes, mu rugendo rwa nyuma agize mu mahanga.
Mu nyuma prezida Obama araja mu Budagi hanyuma mu gihugu ca Perou.

Ahavuye isanamu, AP
Umutekano wari wongerejwe i Athene, ahitezwe imyiyerekano yo kwiyamiriza Amerika.
Vyitezwe ko prezida Obama akoresha urwo rugendo rwiwe rwa nyuma mu guhumuriza ivyo bihugu ku vyerekeye ubutegetsi bugiye kuza bwa prezida Trump.
Intsinzi y’uwo mugwizatunga yarateye amakenga bamwe mu bategetsi bo kw’isi, kubera urukurikirane rw’amajambo yagiye arashikiriza mu myiyamamazo yiwe.

Ahavuye isanamu, EPA
Mu kiganiro muri Maison Blanche ku musi wa mbere, Prezida Obama yavuze ko uwuzomusubirira ”yiyemeje kubandanya ubucuti bafitaniye n’ibindi bihugu”.
Yavuze ko ivyo birimwo ugufashanya mu kugira ”Otan ikomeye kandi ifise igihagararo”, ishobora gutera intambwe ikomeye kw’isi.










