Colombia yizeye kwogorora inyuma y'intambara

Ahavuye isanamu, Inpho
Uyu munsi perezida Juan Manuel Santos avuga ko ariho igihugu gitanguye ibihe bishasha vy'ukworora.
Perezida Juan Manuel Santos avuga ko igikorwa nyamukuru kizotangura igihe umugaba w'abarwanyi ba FARC Timochenko, bazoba bamaze gushira igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara.
Avuga ko iyo ntambara yadindije ubutunzi bwa Colombia, kandi ko yazonze akarangamutima n'umubano w'abanyagihugu baco, harimwo n' ubushobozi bwabo bwo kwitwararika ineza y'abandi.
Abategetsi bo hirya no hino kw'isi bagiye guhagarikira ishirwa mu ngiro ry'ayo masezerano mu murwa mukuru Cartagena.






