Ijambo ry'umugore wa Trump "ryiganye" iry'uwa Obama
Intango y'inama idasanzwe y'umugambwe w'Abarebublicain muri Leta Zunze Umwe za Amerika yaranzwe n'ibisa n'akajagari mu gihe uwo mugambwe ugerageza kwiyunga.
Uwo mugambwe ushaka ko abanywanyi bawo bose bashigikira bivuye inyuma uwuzobaserukira mu matora y'umukuru w'igihugu ariwe Donald Trump.
Umuhango watangujwe n'agashavu ka bamwe mu ntumwa z'umugambwe, bagize ibisa n'imyiyerekano bamaze kwankirwa kwandikisha ko badashigikiye bwana Trump.
Inama yasozerewe n'ibisa n'akamaramaza, aho ijambo nyamukuru ryashikirijwe n'umutambukanyi w'uwo mutunzi ruherwa Trump, umupfasoni Melania, basanze ririmwo ugusa kwa cane n'ijambwo ryashikirijwe na Michelle Obama igihe umugabo wiwe yatsindira guserukira Abademokrate, haciye imyaka umunani.

Ahavuye isanamu, AFP
Abategura kwiyamamaza kwa Trump baciye basohora urwandiko bavuga ibidasa n'ivyo umupfasoni Trump yari yavuze kare, bemera ko ijambo ryiwe ryanditswe n'umugwi w'abanditsi.
Urwo rwandiko ariko ntaco rwavuze ku vyagiriji vyo kwigana ijambo ry'abandi.







