Annan yaneguye Nkurunziza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kofi Annan, yabwiye BBC ko perezida Nkuruniza atari akwiye kurondera kuyobora ikindi kiringo kigira gatatu mu mwaka uheze, kuko ngo bitari bihuye n'ibwirizwa nshingiro.
Kuva amenyesheje ko agiye kwitoza, abantu baharurwa mu majana baramaze gupfa bazira impari za politike.

Ahavuye isanamu, AFP
Bwana Annan yavuze ko perezida Nkurunziza ata kimenyetso yerekana ko azokwemera ibiganiro vy'ukuri.
Uwahoze ari umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasabiye kandi umugabane wa Afrika infashanyo y'amafaranga, cane cane igihugu ca Ethiopia, cugarijwe n'uruzuba.
Yavuze ko Afrika isa n'iyibagiwe kubera amaso y'amakungu ari kuri Syria n'Uburasirazuba bwo hagati.






