Tanzania igiye gusaba ideni kugira itereni ishike mu Burundi, Rwanda na Congo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta ya Tanzania igiye kurondera ideni ry'amafaranga yo guheraheza ibarabara ry'indarayi (ry'itereni canke gariyamoshi) riva ku mugwa mukuru w'ubutunzi w'ico gihugu, Dar es Salaam, rikazogihuguza n'ibihugu bibanyi vy'Uburundi, Urwanda na Repuburika ya Demokrasi ya Congo.
Prezida wa Tanzania Samia Suluhu avuga ko hakenewe ayarenga miriyoni zitandatu z'amadorari y'abanyamerika (arenga miriyaridi 1200 mu mafaranga y'amarundi) kugira harangizwe igice c'iryo barabara ry'ibirometero 2.561 kizorishikana ku bihugu bibanyi.
Ayo mafaranga ngo agiye kuguranwa mu basanzwe bafashanya na Tanzania mw'iterambere.
Prezida Samia yabivuze ku wa kabiri mu birori vyo gushira umukono ku masezerano hagati ya Tanzania Railway Corporation (TRC) na Yapi Merkez yo muri Turkia aho bumvikanye kwubaka 368km kuva Makutupora (akarere ka district Manyoni mu ntara ya Singida) gushika Tabora ku mafaranga angana na miriyaridi 1,908 z'amadorari.
Umukuru wa Tanzania yavuze ko hadafashwe ideni umugambi ataco uzoba umaze kuko utazoba washikiriye amasoko wari ufitiye intego.
Ku bw'umukuru w'igihugu ca Tanzania, iryo barabara ririko rirubakwa mu bice bitatu:
- Dar es Salaam-Morogoro: rimaze kwubwakwa kuri 95%
- Morogo-Makutupora: rigeze ku 77%
- Mwanza-Isaka: 4%
Ico gice nyamukuru kingana na 1063km.
Igisigaye ca 1342km kizoshikana iryo barabara mu Burundi, mu Rwanda no muri Congo gikeneye ingurane kugira cubakwe.
Ariko umukuru w'inama nshingamateka ya Tanzania, Job Ndugai, yaneguye amadeni igihugu giherutse gufata ku bihugu canke amashirahamwe asanzwe afashanya n'iki gihugu mw'iterambere na cane avuga iriherutse gufatwa mu kigega mpuzamakungu FMI/IMF ringana na miriyoni 567,2 z'amadorari.
Yanavuze ko muri kazoza igihugu kizohava gikubitwa camunara kubera umwenda waco uguma uduga ukunyurwa no gufata amadeni menshi.
Ivyo umukuru w'inama nshingamateka ya Tanzania yabivuze aravye amafaranga reta y'igihugu ciwe isohora mu kwishura amadeni, ayo akaba ari hafi tririyoni 10 z'amadorari (canke miriyaridi 10.000) buri mwaka.
Ahimiriza reta kwegeranya amafaranga menshi biciye mu makori, hanyuma amadeni abe ayo gushira mu migambi y'iterambere.
Ku butegetsi bwa prezida Samia, Tanzania imaze kuronka ingurane zitavuna cane za miriyaridi z'amadorari, zimwe zikaba ata nyungu zizotangwako.










