Africa yahomvye miriyoni z'ama dorari kubera ihagarara rya Facebook, Instagram na Whatsapp

Ahavuye isanamu, AFP
Abifashisha imbuga hwaniro muri Afrika kugira bagurishe ibicuruzwa bitandukanye bariko baraharura igihombo baraye bagize mu masaha atandatatu Facebook, Instagram na Whatsapp vyamaze bidakora.
Ikigo kigenzura ingene internet ikora Netblocks kigereranya ko iryo hagarara rishobora kuba ryateye ubutunzi bwa Africa yo munsi y'ubugararwa (ubutayu) bwa Sahara igihombo ca miriyoni 19,8 z'ama dorari (miriyaridi hafi 40 mu mafaranga y'Uburundi).
Abahinga bavuga ko ibigo vyari vyarateye imbere cane muri urwo rudandazwa rwo kuri internet na cane cane muri ibi bihe vya Covid arivyo vyakozweko cane n'ico gihombo.
Kuri bamwe bamwe iryo hagarara ryashitse mu masaha arijo haba hageze ko bagurisha cane.
Kafui Adza atwara kompanyi ya Akosombobar, inzu y'uburiro igurisha ivyo kurya kuri internet no ku bahishikiye hagati mu gisagara ca Accra AirportCity, irabana n'ikibuga mpuzamakungu c'indege ca Kotoka. Avuga ko izo mbuga hwaniro zabaye mu masaha yo kurya ivyo ku murango.
Kafui avuga ati: "Nico cari igihe cacu ciza kuko 80% y'ivyo tugurisha ni ku bakiriya baciye kuri internet. Abakiriya bake bashoboye kuza n'imiduga muri ico gihe c'urutavanako mu mabarabara nibo bonyene bashitse ku buriro. Igihe izo mbuga zahagarara , abakozi banje baciye babona ko tutariko turaronka abadusaba kubarungikira ivyo kurya uko twahora. Benshi baca barungika ubutumwa busanzwe bwa telefone, ariko ingorane ni uko udaheza ngo urungike igoto y'ivyo kurya ushaka".
Kafui yabwiye BBC ko akoresha amadorari hafi 3.200 (miriyoni zirenga 6 mu mafaranga y'Uburundi) ku mwaka kugira amenyekanishe ivyo akora kuri Facebook na Instagram.
Niyo masaha y'abakiriya
Ahandi nko muri Afrika y'ubuseruko, , Richard Gikonyo afise Rickys Home Interiors. N'urudandazwa rushingiye i Nairobi, umurwa mukuru wa Kenya, rukoresha internet mu gushira abakiriya ibikoresho bitandukanye vyo mu mazu mu gihugu cose.
Ihagarara ry'imbuga hwaniro ryabaye mu gihe ku munsi usanzwe ariho akazi kaba gashushe.
Gikonyo avuga ati: "Buno nyene naciye mbona ko habaye ikibazo kuko nama ndi ku murongo. Hagati y'isaha cumi z'umuhingamo n'isaha imwe y'ijoro, niho turonka abantu benshi ku mirongo yacu, kuko abantu baba bari mu rutavanako rwo mu mabarabara baca baja ku mbuga hwaniro bagatangura kugura ibintu".
Yagiye kumenya ko vyahagaze atanguye kuronka ama terefone menshi y'abakiriya bidoga bamuhamagara bavuga ko abakozi biwe batariko barishura ubutumwa bwabo.
Avuga ati: "Tugereranya ko hari abakiriya 50 tutatunganirije, none uyu munsi (ku wakabiri), imirimo iri hasi cane".

Ahavuye isanamu, SOPA IMAGES
Karen Wambugu, umuhinga mu kugurisha kuri internet avuga ati: "Abakozweko cane n'abahembwa kuri buri kintu bagurishije hamwe n'imangazini ntonto, kuko nini nini zo zifise imbuga zazo (websites). Iyo imbuga hwaniro nka Facebook na Instagram zihagaze, imangazini ntonto ntizishobora kugurisha kuko nta yindi nzira zifise"
Aho iryo hagarara ribereye, abantu baciye baja ku zindi mbuga hwaniro nka Twitter kugira baronke umurongo.
Ariko nko muri Nigeria, Twitter ntaco yafashije. Reta y'ico gihugu yarayihagaritse mu ntango z'ukwezi kwa gatandatu inyuma y'aho ikuriye ku rubuga rwayo ubutumwa bwa prezida Muhammadu Buhari imwagiriza kurenga ku mategeko yayo agenga "inyifato itari nziza".
Ariko abanya-Nigeria bamwe babandanije kwandika kuri Twitter baciye ku buhinga buziguye bwa Virtual Private Networks (VPN).












