Burundi – UN: Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko ubukene bworohereza iterabwoba

Ahavuye isanamu, UN
Umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuga ko reta yiwe imaze gukora vyinshi bituma igihugu ciwe gisubira kuronka ikibanza kigikwiye mu makungu.
Yabivugiye mw'ijambo yaraye ashikirije i New York, imbere y'inama ya bose y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU/UN, inama igira iya 76.
Bwari ubwa mbere Prezida Ndayishimiye avugira ijambo imbonankubone mu ngoro ya ONU i New York kuva ashitse ku butegetsi mu 2020. Hari haheze kandi imyaka irenga itandatu ata mukuru w'Uburundi ashitse ku cicaro ca ONU i New York.
Uwo Prezida Ndayishimiye yasubiriye, umuhisi Pierre Nkurunziza, kuva mu 2015 gushika apfuye mu 2020, ntiyasubiye kugendera amakungu. Muri ico kiringo yarenze urubibe rw'Uburundi rimwe gusa agiye mu gihugu kibanyi ca Tanzania.
Ni ijambo ryabaye akaryo kuri Prezida Ndayishimiye ko gushikiriza ivyo reta yiwe imaze kurangura kugira Uburundi busubire kuronka ikibanza kibereye mu makungu.
Yagize ati: "Ni akaryo keza ku gihugu canje ko gusangira n'iri koraniro, intambwe zifadika tumaze gushikako mu gihugu, mu karere no mu makungu".
RED Tabara, 'umugwi w'iterabwoba co kimwe na ADF'
Avuga ko Uburundi buri ku ntambwe nziza zo kugarukana imigenderanire myiza n'amakungu ahereye kw'ishirahamwe rya Buraya.
Kimwe mu vyo Prezida Ndayishimiye avuga ko bibangamiye Uburundi n'akarere ni iterabwoba, ubukene n'ubushomeri kandi ngo bifitaniye isano.
Avuga ati: "Umwansi asigaye ageramiye abanyagihugu, uretse ikiza ca Covid -19, umwansi dusangiye twese, ni ubukene".
Avuga ko reta yiwe ifatanije n'abanyagihugu yiyemeje kuburwanya kugira bashike kw'ihangiro ryo kubaho neza.
Prezida w'Uburundi avuga ko imigwi y'iterabwoba nka "Red Tabara na ADF" ironderera abagwanyi mu bakiri bato bugarijwe n'ubukene, ubushomeri hamwe no kutamenya gusoma no kwandika.
"Turatewe impungenge n'igwirirana ry'iterabwoba mu karere aho abarikora nka Red Tabara na ADF, bashingiye mu buseruko bwa Repuburika ya Demokrasi ya Congo, baronderera abagwanyi mu bakiri bato bari mu bushomeri".
Umugwi w'abitwaje ibigwanisho b'abarundi RED Tabara wavuze ko ariwo wagavye igitero c'ibisasu vya muzinga ku kibuga c'indege ca Bujumbura mw'ijoro ryo ku wa gatandatu uheze buca Prezida Ndayishimiye afata urugendo rwo kuja muri iyo nama yaraye avugiyemwo iryo jambo.
Muhe agaciro ivyo dukora
Avuga ko ari muri iyo ntumbero yo kurwanya iterabwoba Uburundi bwatanze ingabo zija mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Somalia na Centrafrique.
RED Tabara uvuga ko urwanira kugarura intwaro ishingiye ku mategeko wemeza ko atayihari ku ntwaro ya CNDD-FDD, umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi kuva mu 2005.
ADF wo n'umuhari ukomoka muri Uganda uvugwa ko ufitaniye isano n'imigwi y'intagondwa ziyitirira idini rya ki Islam. ADF umaze imyaka ukora amarorerwa mu buseruko bwa Congo.
Mw'ijambo ryiwe, Prezida Ndayishimiye yagarutse kandi ku bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu kari mu vyatumye imigenderanire na ONU yunyuka mu myaka irenga itanu iheze.
Yabwiye inama ya bose ko Uburundi bufise inzego zo kwubahiriza agateka ka zina muntu, ko bidakenewe rero kw'Uburundi babushirako izindi nzego.
Ati: "Uko gushaka kutwomekerako izindi nzego zidasanzwe ku bijanye n'ageteka ka zina muntu bitanga igihushane c'ivyo muba murondera".
Haheze imyaka itanu hari umugwi wa ONU ukora amatohoza ku mabi ahungabanya agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu 2015.
Uwo mugwi reta y'Uburundi ntiyigeze iwemera kandi yagumye yiyamiriza ivyegeranyo ushikiriza harimwo n'ica nyuma co muri uku kwezi kw'icenda.











