CPI - Gbagbo: ''Banjanye hariya kugira banyigizeyo"

Laurent Ggagbo (hagati)

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Laurent Gbagbo yabaye uwahoze ari umukuru w'igihugu wa mbere yaciriwe urubanza muri CPI

Uwahoze ari umukuru wa Côte d'Ivoire Laurent Gbagbo yaneguye sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC/CPI avuga ko ihengamye.

Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu, yambitswe izera ku vyaha bikorewe zina kiremwa muntu mu 2019, yabivuze ari mu kigwati c'amavukiro yiwe ca Mama, mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu, aho yakiriwe nk'intwari.

Yavuze ati: "CPI nta kigenda cayo, yashatse kwigizayo umugabo atari akenewe, umugabo atari akenewe mw'ihiganwa, baca bambika hariya".

Gbagbo yasubiye kwemeza ko ata caha na kimwe yakoze.

Ati: "Ubwa mbere nari mfise ubwoba. Nibwira nti kumbure abantu banje barakoze ivyaha hanyuma barabimpisha. Kuko raba, nta nkoho nari mfise, gutyo rero mfashwe haba ari kubera inzego zijejwe umutekano."

Gbagbo yari yafashwe mu kwezi kwa kane mu 2011 amaze kwanka kwemera ko yatsinzwe mu matora ya be na Alassane Ouattara.

Iyo ngingo yiwe yatumye haba intambara y'igihe gito mu gihugu yahitanye abantu 3.000.

Ayo majambo niyo ya mbere yashikirije ku rubanza rwo kwambikwa izera kuva agarutse muri Côte d'Ivoire muri uku kwezi - uwamusubiriye akaba n'umukeba wiwe Alassane Ouattara yaramutumyeko ngo atahe.

Ntibiramenyekana niba azoshirwa mu munyororo kuko inzego za Cote d'Ivoire zamuciriye urubanza atahari (impaga) rwo gupfungwa imyaka 20 ku caha co gusahura amafaranga muri banki y'akarere.

Uwushigikiye Laurent Gbagbo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Laurent Gbagbo yakiriwe nk'intwari igihe yasubira mu kigwati c'amavukiro ca Mama muri iyi ndwi

Abatetegetsi bamwe bamwe muri Afrika bakunze kwidogera sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC/CPI (Cour Penale Internationale) ko itota cane cane abategetsi b'uwo mugabane.

Reta y'Uburundi yo yageze aho ivana ico gihugu muri iyo sentare mu 2016 ariko ingingo ija mu ngiro kuva mu 2017. Nayo nyene yayinegura gutota abategetsi bo muri Afrika.

Ivyo uwahora ari umushikirizamanza mukuru w'iyo sentare, Fatou Bensouda, aherutse kurangiza ikiringo ciwe muri ayo mabanga, yarabihakanye avuga ko iyo sentare iriko irakoza amatohoza ku vyaha bikomeye vyoba vyarakorewe mu bihugu bitandukanye hirya no hino kw'isi.