Mali: Uwari kw'isonga ry'ugutembagaza ubutegetsi Assimi Goïta yongeye kubufata

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru wa Mali n'umushikiranganji wiwe wa mbere bakuwe n'intwazangabo yari irongoye abatembagaje ubutegetsi mu mwaka uheze ubu akaba yari icegera c'umukuru w'igihugu muri reta mfatakibanza.
Col Assimi Goïta avuga ko Prezida Bah Ndaw n'umushikiranganji wa mbere Moctar Ouane bakoreye nabi intwaro mfatakibanza y'igihugu.
Bafashwe haheze amasaha make bahinduye reta aho babiri mu basirikare bakuru basubirijwe.
Col Goïta avuga ko amatora azoba mu mwaka uza uko bitegekanijwe.
Ariko yirengagije akamo k'abakuru ba ONU, ishirahamwe ry'Ubumbwe bwa Afrika, ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Afrika y'Uburengero (CEDEAO/ECOWAS), ishirahamwe rya Bulaya (EU/UE), na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kasaba ko umukuru w'igihugu n'umushikiranganji wa mbere barekurwa ata na kimwe kibanje gusabwa.
Abo bagabo babiri bapfungiwe mw'ikambi ya gisirikare hanze y'umurwa mukuru Bamako, kuva bafashwe ku wa mbere ku mugoroba.
Ikibazo catewe n'iki?
Umwihwezo wa Beverly Ochieng, BBC Monitoring
Col Goïta avuga ko atagishijwe inama ku bijanye no guhindura abagize reta, avuga ko ivyo vyategerezwa kuba mu gihe ari icegera c'umukuru w'igihugu.
Inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi mu mwaka uheze, uwari arongoye abarikoze yari yashatse kuba ari we arongora intwaro mfatakibanza, izoshikana ku ntwaro isanzwe inyuma y'amezi 18.
Ariko ishirahamwe ry'akarere, CEDEAO/ECOWAS, ari naryo ryabaye umuhuza mu gushika ku masezerano y'intwaro mfatakibanza, ryarahiye rirarengwa ko hategerezwa kujaho umutegetsi w'umu civil.
Ariko Col Goïta ni we yaguma afise ubutegetsi mu ntoki muri ico gihugu.
Igihe yakura Prezida Ibrahim Boubacar Keïta mu mwaka uheze, muri rusangi vyari vyakiriwe neza cane.
Vyabaye hari haheze igihe hari imyiyerekano yo kwiyamiriza reta kubera ukwiyongera kw'umutekano muke, ibiturire n'ubutunzi bwaguma buzama.
Ariko umuvuduko muto w'ibihinduka muri aya mezi icenda aheze, watumye icuka kibi kigaruka. Yegereyegere y'ishirahamwe rikomeye ry'abakozi ubu iri mu ndwi igira kabiri kandi ishobora kwunyura ubutunzi.
Ubutegetsi mfatakibanza bwemeye gushiraho iyindi reta yagutse yo guhangana n'izo ngorane hamwe n'ubwoba ko hashobora kuba iyindi myiyerekano.
Col Goïta si we wenyene yababajwe n'uko guhindura abagize reta - umugwi utavuga rumwe na reta wari watunganije iyo myiyerekano yo mu mwaka uheze, M5 RFP, nawo wararakajwe ko utari waronse impera y'ivyo wakoze mu gahabwa ibibanza vy'ubushikiranganji.
Hakurikira iki?
Intumwa za CEDEAO zitezwe gushika ku mugwa mukuru Bamako.
Mu mwaka uheze, iryo shirahamwe ryari ryarahiye ko rifatira ibihano abari bafashe ubutetegetsi kiretse hagiyeho reta irongowe n'aba civil.
Ubu rero ko ivyo basezeranye Col Goïta abisutsemwo amazi, nta wuzi ingaruka zizoba izarizo.
Yasavye abanyagihugu kubandanya imirimo yabo uko bahora, anavuga ko igisirikare ciyemeje kwubahiriza amasezerano y'intwaro mfatakibanza.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ntibiramanyekana kandi ingene M5 RFP ija kwakira ivyabaye - yari yavuze ko izosubira mu mabarabara mu ntango z'ukwezi kwa gatandatu kubera ico cuka kibi kiguma ciyongera.
Uwo mugwi wanegura cane umushikiranganji wa mbere.
Kuki Mali itagira amaragamo?
Biragoye gushika ku mpinduka vuba na vuba - ico gihugu kinini ariko kitagira umuhora kw'ibahari gisanzwe gikenye, kandi ibice binini vyaco biri inyuma cane mw'iterambere.

Irindi tembagazwa ry'ubutegetsi mu 2012 ryatumye intagondwa ziyitirira Islam zikoresha akajagari kakurikiye mu gufata uburaruko bw'igihugu.
Ingabo z'Ubufaransa zarafashije kugaruza ahari hafashwe, ariko ibitero birabandanya kuko izo ntagondwa zifatira kuri iryo bura ry'amaragamo ya poritike mu karere.
Ivyo vyose vyatumye abanyagihugu baguma batakaza icizere ko uwo mutegetsi wa gisirikare ashobora guhangana n'izo ntagondwa ubu zigejeje urugamba rwazo mu bihugu bibanyi vya Burkina Faso na Niger.










