Burundi: Cyrille Ndayirukiye yaguye mw’ibohero, abiwe bati: 'twavyakiriye uko babitubwiye'

Ahavuye isanamu, AFP
Abo mu muryango wa General Cyrille Ndayirukiye bavuga ko ata vyinshi bazi kuri urwo rupfu rwabaye giturumbuka kuwa gatandatu w'indwi iheze.
General Ndayirukiye yafatwa nk'uwuza ubugira kabiri inyuma ya General Godefroid Niyombare mu bari kw'isonga ry'umugambi wo gutembagaza ubutegetsi mu 2015, Niyombare we yashoboye guhunga atarafatwa.
Inkuru y'uko General Cyrille Ndayirukiye yamaze urw'abagabo yatanguye guhanahanwa ku mbuga hwaniro ku wa gatandatu.
Yari apfungiwe mw'ibohero rya Gitega kuva afashwe mu kwezi kwa gatanu mu 2015 inyuma yo kugerageza gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 z'uko kwezi nyene.
Umwe mu ncuti ziwe za hafi adashaka kumenyekana izina yabwiye BBC ati: "Twese twakiriye ivyo batubwiye ko vyabaye giturumbuka.Twavyakiriye uko babitubwiye. Ntayindi source dufise".
Uyu avuga ko babwiwe ko Gen Ndayirukiye yazunguriwe ariko aranikira impuzu ahejeje kumesa wenyene ku wa gatandatu.
Aho yokwikubise hasi ariko ngo hari uwamusamye, ubwo nyene ngo aca aragarara uruhande rumwe, mu nyuma y'isaha icenda z'umuhingamo aca aracikana.
BBC yagerageje kuvugisha abajejwe ibohero ya Gitega, ntibirashoboka gushika ubu.
Isoko ryegereye umuryango wiwe ryabwiye BBC ko ikiziga ciwe kuwa mbere cajanywe i Bujumbura aho umuryango uriko uritunganya ngo uzomushingure mu kiringo c'indwi zibiri.
Umugore wiwe n'umwana wiwe umwe rudende basanzwe baba mu Bubirigi.
General Ndayirukiye ni inde?
General Cyrille Ndayirukiye yokwije imyaka 67 y'amavuka mu mezi arenga gato abiri.
Yaciye ku nzego zose zo gutwara igisirikare c'Uburundi kuva ku makambi gushika ku biro bikuru no ku bushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Yaranakoze mu buserukizi bw'Uburundi mu gisata c'ibijanye na gisirikare mu Bubirigi, muri Libya no muri Ethiopia.
Yanategetse kandi ingabo zama ziteguriye gufasha mu bikorwa vy'amahoro mu bihugu vya Afrika y'Ubuseruko East AfricanStand By Force.
Igihe yaja mu mugambi wo kugeregeza gutembagaza ubutegetsi bwa prezida Pierre Nkurunziza mu 2015, General Cyrille Ndayirukiye yari umujenama w'umushikiranganji wo kwivuna abansi, General Pontien Gaciyumbwenge.
Nawe yagirijwe kuba muri uwo mugambi ariko we ashobora guhunga atarafatwa.
Yemanze kugerageza gutembagaza ubutegetsi
Mu rubanza yaburanye atawumwunganira mu mategeko, Ndayirukije yakomeje kuvuga ko ata butugane nyabwo yigeze ahabwa kuko bamwankiye abo yahisemwo kumwunganira, ntihanumvirizwa abo yavuga ko bari bafise vyinshi bobazwa vyotanga umuco kuri uwo mugambi.
Yavuga abantu batatu: uwari umushikiranganji wo kwivuna abansi, uwari umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare n'ubu akiri muri ico kibanza, n'uwari umukuru w'ibiro vy'iperereza.Avuga ko nabo bari muri uwo mugambi ariko mu nyuma bakamuhemukira.
Yemanze kandi ico gikorwa. Mw'ikete yandikiye umukuru w'intahe y'urubanza rwiwe yanditse ati:
"Reka nsubiremwo kubivuga ko ivyo uwanditse iri kete yakoze vyabaye yavyiyumviriye kandi azi igituma. Iyo umutegetsi, naho yoba kizigenza, atanze amategeko aja mu nzira yo guhonyanga amategeko no gushira igihugu mu kaga, n'umusirikare canke umuporiri wa mbere mu kwuhaba afise uburenganzira bwo kwanga ayo mategeko ku neza nkuru y'igihugu".
Igeregezwa ryo gutembaza ubutegetsi ryabaye mu nkuruma y'inyuma y'aho umuhisi Prezida Pierre Nkurunziza atangarije ko azokwitoreza kurongora igihugu ubugura gatatu mu mpera z'ukwa kwa kane mu 2015.
Vyateye impari mu gihe hari bamwe babona ko ari uguhonyanga amasezerano ya Arusha. Vyakurikiwe n'intureka yaguyemwo abantu batari bake abandi barahunga.










