Rwanda - Coronavirus: Katolika yafashe ingingo zijanye no gukinga ico kiza

Conference Episcopale du Rwanda

Ahavuye isanamu, @DOCICO_CEPR

Ekleziya Katolika mu Rwanda ihamagarira abakirisu gukurikiza amategeko atangwa n'inzego zijejwe amagara y'abantu mu ntumbero yo kwirinda wa mugera ruhonyabantu coronavirus, yiswe Covid-19.

Ivyo biri mw'itangazo ryaraye risohowe na Antoine Kambanda, Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Kigali akaba n'icegera c'Inama y'Abepiskopi Gatolika mu Rwanda, aho amenyesha ingingo zafashwe mu makoraniro zizofasha abakirisu babo kudakoranako ngo bahave bandukizanya.

Ibihugu bishika umunani ku mugabane wa Afrika bimaze gutangaza ko uwo mugera wamaze kubishikamwo, leta z'u Burundi n'u Rwanda zikaba ziherutse gutangaza ingingo zafashe mu ntumbero yo kwirinda no gukinga uwo mugera.

Mw'iryo tangazo, Inama y'Abepiskopi Gatolika mu Rwanda isaba abakirisu "guhana amahoro ya Kristu ku mutima gusa ata guhana ibiganza canke guhoberana".

Isaba kandi ko "mu gihe co gusangira (guhazwa mu Kinyarwanda) ari ugutega ibiganza, atagutega ururimi".

Iyo nama yafashe kandi ingingo yo gukura "amazi y'umugisha" (amazi ahezagiye mu kirundi) mu twombo yashirwamwo mw'isengero, maze abakirisu bakaja barayakoramwo mu kugira urumenyetso rw'umusaraba.

Basaba abakirisu kudasubira gukora aho yahora ashirwa kuko atakirimwo "kugeza igihe ikibazo kizoba gikemutse".

Muri iryo tangazo, Inama y'Abepisikopi Gatolika mu Rwanda, yemereye abakirisitu ko izobandanya ikurikirana uko bimeze, ikazofata n'izindi ngingo zo kwikingira ni vyaba ngombwa.

Gushika ubu, ibihugu birenga 80 biramaze guterwa n'uwo mugera watanguriye mu gisagara ca Wuhan c'intara ya Hubei mu Bushinwa.

Ku mugabane wa Afrika, ibihugu vya Togo, Nigeria, Senegal, Misiri, Algeria, Tuniziya, Afrika y'Epfo na Cameroon nivyo bimaze guterwa n'uwo mugera.

Mu ntumbero yo kurwanya uwo mugera, ibihugu vy'u Rwanda n'u Burundi biherutse gutangaza ingingo vyafashe mu ntumbero yo gukinga ko ishika muri vyo.

U Burundi bwatangaje ko ingenzi zivuye mu bihugu vy'u Bushinwa, Koreya y'epfo, Iran, Ubutaliyani, Ubudage, Ubufaransa, Ubuyapani na Espanye zizobanza gushirwa mu kibanza categuwe ukwazo nyene mu kiringo c'iminsi 14.

Nayo mu Rwanda, leta isaba abanyagihugu "kugabanya ingendo zitari ngombwa" mu bihugu birangwamwo coronavirus, yongera kandi itangaza n'ingingo zitandukanye harimwo n'izo isuku, kugira ngo birinde kwandura.