Ashley ati: ‘Nari nzi ko SIDA ari indwara ifata abakiri bato’

Ashley yamenye ko yanduye umugera wa SIDA afise imyaka 56
Insiguro y'isanamu, Ashley yamenye ko yanduye umugera wa SIDA afise imyaka 56

Igihe Ashley, umugore w'imyaka 59, yinjizwa ibitaro afise ingorane y'urura, yaba we canke abaganga nta n'umwe yibaza ko wari umugera wa SIDA.

Mu vyo yibuka, avuga ati: "Bambwiye ko ata ngorane n'imwe mfise, ariko ko nari mfise umugera - gusa sinamenye ko nari mfise umugera ukomeye ushobora kubaho".

Haciye imyaka itatu Ashley apimwe bagasanga yaranduye umugera wa SIDA, inyuma y'aho akoreye imibonano mpuzabitsina atikingiye.

Ariko kubona bawutoye baratevye bivuga ko uwo mugera wari wamaze gutangura kwonona ubushobozi bw'umubiri bwo gushibira kwikingira indwara.

'Vyari ibintu ntari niteze'

Ivyashikiye Ashley si ibintu bidasanzwe kuko abantu batandatu kuri cumi bafise imyaka irenga 50 banduye umugera wa SIDA ni abagiye kumenya ko banduye batevye mu 2018, nk'uko vyerekanwa n'ikigo c'igihugu kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza, PHE.

Abahinga muvyo amagara y'abantu hamwe n'amashirahamwe y'abagiraneza bavuga ko kubera batitabwaho, kandi bagafatwa ko atamibonano mpuzabitsina bakora, bituma batamenya ko banduye.

Ashley ati: "Abantu barengeje imyaka 50, canke abahukanye, bobo bibaza ko badashobora kwandura".

"Kubera bazi ko badashobora kwibungenga, bavuga bati 'nta ngorane' canke bati 'izi ni indwara z'abakiri bato'. Ariko sivyo, uwo ari we wese arashobora kuyandura".

'Usanga wibaza ko udashobora gutsindwa'

Ibiharuro bitangwa n'ikigo PHE vyerekana ko igitigiri c'abanduye indwara zifatira mu bihimba vy'irondoka kuva ku myaka 45 kuduga vyiyongereye gushika hafi ku bice 35% mu myaka itanu iheze.

Icigwa casohowe mu kinyamakuru c'amagara yabantu The Lancet mu 2017, cerekana ko umuntu umwe kuri batandatu bagendana umugera wa SIDA i Bulaya ari kuva ku myaka 50 kuduga, kandi ko ibitigiri vy'abawandura vyaduze mu bihugu 16 vy'i Bulaya mu myaka cumi iheze.

Norah O'Brien, umuhinga mu bijanye n'irondoka rijanye n'amagara meza mu kigo PHE, avuga ko abafise imyaka yitereye na bo nyene ubwabo bibaza ko badashobora kwandura.

Nivyo vyari mu mutwe wa Karen Norton w'imyaka 63, yanduye umugera mu myaka mike iheze muri Afrika.

Ati: "Abenshi twibaza ko ivyo kwandura bidashobora kudushikira".

"N'abaganga basa n'abibaza ko umuntu arenza imyaka 50 adashobora kwandura uwu mugera".

"Twese dusa n'uko twiyumvira gutyo ku bantu barenza imyaka 50. Ntushobora kwibaza ko nyoko wawe canke so wawe ashobora kuwandura - ariko ni ikintu gishoboka cane".

Vyafashe igihe kirekire kugira ngo Karen yimenyekanishe ko yanduye, kuko yatinya ko bohava bamucira urubanza.

Ati: "Wumva umengo wikoreye umucafu utegerezwa kunyegeza".

"Mu gihe ukoze imibonano mpuzabitsina utikingiye, ushobora kwandura. Akarorero ni jewe".

'Ariko si igihano c'urupfu'

Mu kwezi guheze, ibiharuro vyerekanye ko igitigiri c'abanduye umugera wa SIDA mu Bwongereza cagabanutse bimwe biboneka kuva mu 2012 - cane cane mu bantu bahuza ibitsina babisangiye.

Ishirahamwe ry'abagiraneza ryo mu Bwongereza, Terrence Higgins Trust, rivuga ko igikenewe ubu ari uko igice c'abantu batitaweho, nk'abo barengeje imyaka 50, bokwitabwaho gusumba.

Aled Osborne nawe wo mw'ishirahanwe Brigstowe ryo mu Bwongereza nyene avuga ko abantu bafise imyaka yitereye bagifise mu mutwe ivyavugwa ku mugera wa SIDA mu myaka ya 1980 na 90, akabona ko bashobora kuba batashoboye kuronswa amakuru nyayo kuva ico gihe.

Ati: "Kugendana umugera wa SIDA si igihano c'urupfu nk'uko vyari bimeze mu myaka ya 80 na 90. Ubu imiti ikora neza iriho".

"Abantu bagendana umugera wa SIDA ariko basanzwe bafata iyo miti ntibashobora kwanduza uwo mugera".

Imyaka yo kubaho ku bantu bagendana umugera wa SIDA ariko basanzwe bafata iyo miti nico kimwe n'iy'abandi bose muri rusangi.

Hagati aho, ugereranije n'abatanguye kuyifata bakimenya ko banduye uwo mugera, amahirwe si menshi ku bacerewe kuyifata.

Ashley vyaramugoye kuko yagiye kumenya ko yanduye yatevye.

Ati: "Jewe nta ngorane vyantera kugendana umugera wa SIDA. Nta ngorane bintera n'ukuri. Gusa kubona batashotse bawutora, vyatumye nteba kubimenya".

" Vyafashe igihe kirekire…kandi umubiri wanje warononekaye - numva bimbabaje".