DR Congo: abantu 33 bishwe mu gitero c’inyeshama mu karere ka Beni

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu mirongo itatu na batatu abagore n'abana nibo bimaze kumenyekana ko bishwe mu gitero c'inyeshama ku kigo kivura indwara ya Ebola mu karere ka Beni, nk'uko bivugwa n'ababibonye hamwe n'abategetsi.
Abategetsi bamenyesheje ko hariho abandi bantu 11 babonetse bishwe bituma igitigiri kigera ku bantu 33 bishwe mu masaha 24 kuva mu gitero co kuwa gatanu.
Ico gitero gishasha cabaye ku munsi wa gatanu mw'ijoro mu gihe igisirikare ca Congo congereje ibitero ku mirwi y'inyeshamba iri mu buseruko bwa DR Congo, harimwo n'umuhari Allied Democratic Forces.
Abajejwe amagara y'abantu muri DR Congo bavuga ko ibitero vy'imirwi yitwaje ibirwanisho muri ako karere k'intara ya Kivu y'Uburaruko vyatumye ico kiza gikwiragira cane, mu mezi 16 aheze cadutse.
Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Associated Press, abarwanyi ba ADF nibo bagirizwa ico gitero muri ako karere gasanzwe gasinzikajwe n'ikiza ca Ebola.
Omar Kavota arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri ako karere rizwi nka CEPADHO, avuga ko catanguye hafi isaha zibiri n'igice zo mw'ijoro ryo ku wa gatanu.
Ni inyuma y'aho kuri uwo munsi Perezida Felix Tshisekedi atangarije ko bagiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo bahagarike ibitero vy'uyo muhari be n'iyindi mihari imaze imyaka itari mike irwanira mu buseruko bwa Congo.

Mw'ijambo yashikirije abanyagihugu yavuze ati: "Turafise ishaka rikomeye kandi ntituzodohoka tutayihanaguye yose".
Ivyo bitero vy'inyeshamba vyiyongereye mu ntara ya Beni vyatumye abanyagihugu biha amabarabara kubera ishavu ry'uko badakingirwa.
Mu kwezi guheze, abanyagihugu baturiye ibiro vya komine ya Beni be n'ibiro vy'ingabo za MONUSCO biri ahitwa Boikene.
Ivyo bitero vyaratumye kandi utwigoro tw'ukurwanya ikiza ca Ebola imaze guhitana abantu barenga 2200 ataco dushikako.
Abajejwe gutanga urucanco rw'ico kiza barananiwe n'ugushika mu turere turangwamwo uruhagarara kubw'umutekano wabo.










