Indonesia: Abamotari bateye ku bitaro babohoza ikiziga c’umwana ku nguvu

Ahavuye isanamu, RSUP M DJAMIL
Wardiansyah, ni umwe mu bamotari benshi bakoze igitero ku bitaro muri Indonesia babohoza ikiziga c'umwana cugaraniwe mu buruhukiro kubera amahera yishuzwa.
Avuga ko ico gikorwa cabereye mu gisagara ca Padang ari igikorwa c'ubutabazi .
Ireresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana umurongo w'abamotari bavuye muri ivyo bitaro, muri bo hari umugabo ateruye mu minwe ikiziga c'uyo mwana, Alif Putr.
Iyi ngingo yo gufatira abarwayi bakize canke ibiziga mu bitaro kubera badashoboye kwishura ibitaro ivugwa no mu bihugu vyo muri aka karere.
Mw'idini rya Isilamu, iyo umuntu yitavye Imana ategerezwa gufubwa vuba bwango.
Ariko, umuryango w'ico kibondo wabwiwe n'abarongoye ibitaro M Djamil Hospital ko badashobora kuronswa ikiziga c'uyo mwana yari amaze amezi atandatu arwaye, batarishe amahera bishuzwa.
Niho rero abamotari bafata ingingo yo kuja kubohoza ku nguvu ico kiziga, kubera sewabo w'uyo mwana w'umuhungu yari umwe muri bo.
Wardiansyah yabwiye abamenyeshamakuru ba BBC bakorera muri Indonesia ati: "Twafashe iyo ngingo tumaze kubona ko umuryango udashobora guhamba umwana wawo kubera atabushobozi wari ufise".
Uyu muryango wishuzwa ideni ry'imiliyoni 25 y'amarupia (angana na 1774 y'amadolari).
Abandanya ati: "Abajejwe umutekano bageragje kuduhagarika, ariko bananiwe kuko twari benshi cane".

Iyo reresi yakwiragijwe cane muri Indonesia, bituma haduka impari y'ukungene abavyeyi ba ntahonikora bofashwa iyo babuze amafaranga y'ukuriha ibitaro.
Uyo mwana yari yapfuye ku wa kabiri mu gatondo inyuma y'aho abagiwe.
Akorora amosozi, nyina wiwe, Dewi Surya, yavuze ati: "Alif yari amaze umwanya muremure mu buruhukiro, ibitaro navyo bidutegeka kubanza kuriha amahera twishuzwa".
"Abamotari bari bashavuye cane. Nico gituma bafashe ingingo yo kumukurayo ku nguvu".

Ahavuye isanamu, HALBERT CANIAGO
Mu nyuma abarongoye ivyo bitaro basavye imbabazi, bemera ko ivyo bitazosubira gushika.
Umukuru w'ivyo bitaro, Yusirwan Yusuf, avuga ko iryo deni ry'umurengera ryashoboye kurihwa n'abarongoye ivyo bitaro, anavuga ko ivyabahe vyatumwe n'uko habaye ukutumvikana.
Ati: "Twamenye ko uyo muryango atabushobozi ufise inyuma y'aho witwariye umukozi wacu. Ni ibitaro vya leta, kandi nta n'uko twirirwa turabaza abarwayi ko bafise amahera y'ukuriha".
Hagati aho, Bwana Yusuf yaneguye ingendo y'abamotari, akavuga ko inyifato nk'iyo ishobora kugira ingaruka mbi.
"Turi n'amategeko atugenga mu kazi kacu kandi yahonyanzwe. Ivyo birababaje. Mbe urazi ko ico kiziga gishobora kuba cari gifise indwara zandukira? Ni nde yari kubibazwa?
Vyabaye ngombwa ko uwuserukira abo ba motari na we nyene asaba imbabazi ku barongoye ivyo bitaro, anabemerera ko bazokora ibishoboka kugira ngo izina ry'ivyo bitaro ntiricafuzwe.










