Abakobwa n'abahungu 22 bagirizwa kudandaza imibiri yabo bakatiwe gupfungwa muri Tanzania

Sentare y'intango ya Nunge mu gisagara ca Morogoro muri Tanzania yaciriye urubanza rwo gufungwa amezi atandatu abantu 22 ku caha c'ubunebwe n'ukwiyenzereza, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Mwananchi co muri ico gihugu.
Umucamanza Emelia Mwambagi amaze gusoma urwo rubanza, abagirizwa, abenshi muri bo bagizwe n'abakobwa, buzuwe n'amarira basaba imbabazi.
Urwo rubanza rwabaye ejo ku munsi wa gatatu rwamaze amasaha atanu aho abo bakobwa bagirijwe kudandaza imibiri yabo, abahungu nabo bagirizwa guhuza ibitsina n'abo babisangiye.
Abo bantu bafashwe kw'igenekerezo rya 16 z'uku kwezi kwa munani mu karere ka Kahumba muri ico gisagara ca Morogoro.
Uyo mucamanza Mwambagi yabwiye sentare ko ico gihano kizobera icigwa abo bagirizwa be no ku bandi badandaza imibiri yabo, bakiteza urubwa, bakanamaramaza abavyeyi babo, incuti n'abagenzi mu burere baturukamwo.
Umucamanza Mwambagi yabwiye sentare ko abagirizwa bose ari urwaruka rufise inguvu z'ugukora ibikorwa vyari kubateza imbere, ariko bakaba bahisemwo ukwiyenzereza, abandi nabo bagakoresha nabi imibiri yabo.
Ikibazo c'ukurwanya ubumaraya cabayemwo ingorane nyinshi mu bihugu vya Afrika kubera abenshi bavuga ko baja muri ivyo kubera ubuzima bwabankiye.
Bivugwa ko ababeshejweho n'ukugurisha imibiri yabo baronka amafaranga ashobora kubabeshaho no kubeshaho imiryango yabo usanga iri mu bukene.
Ibihugu vyinshi vya Afrika nta nteguro ziboneka bifise z'ukurwanya urwo rudandazwa, bigatuma igitigiri c'abagore n'abagabo baja mu buhumbu ciyongera uko bukeye uko bwije.
Ubumaraya ni igikorwa cinjiriza amafaranga menshi cane ababukora, ico naco kigatuma utwigoro two kubirukana mu bisagara bitandukanye bigorana mu bihugu bitari bike vya Afrika.
Bivugwa ko abakora ubumaraya bashobora kuronka amahera arengeye kure imishahara isanzwe y'abakozi ba leta.
Mu gihugu ca Kenya, abamaraya bamaze igihe basaba ko amategeko yokwemera ubumaraya.
Mu mwaka wa 2013, barihaye amabarabara biyamiriza ico bise uguhohoterwa bakorerwa n'abajejwe umutekano mu gihe bari mu bikorwa vyabo.

Biyegeranirije mu gisagara hagati, aho bateye baja ku biro vy'umukuru w'igisagara gushikiriza akababaro kabo, bavuga ko baruhishijwe n'igipolisi, bagasaba ko bakingirwa.
Ubumaraya ntibwemewe n'amategeko muri Kenya, ariko abenshi mu baharanira uburenganzira bw'abamaraya bavuga ko ibwirizwashingiro riterekana neza ingingo zifatirwa umuntu yafashwe yagirizwa kudandaza umubiri.
Umwe muri abo, John Mathenge, avuga ko abantu bategerezwa kwubahiriza ababeshejweho n'ukudandaza imibiri yabo, akavuga ko ari akazi nk'akandi.
Abandi nabo bavuga ko abanyagihugu binuba abakora ubumaraya, kandi ko batanabavugira iyo bariko barakubagurwa canke kwicwa.
Icegeranyo casohotse mu mwaka uheze wa 2018 kivuga ko abamaraya mu gisagara ca Nairobi baburabuzwa cane n'abajejwe umutekano begukira igisagara, kandi ko abenshi barekurwa babanje gutanga igiturire.
Muri Tanzania bivugwa ko hari igitigiri kinini c'abamaraya, abenshi bakaba barindiriye kubona nimba igihano cahawe abo bakobwa n'abahungu 22 mu ntara ya Morogoro, kizoba icigwa ku bandi bamaraya muri ico gihugu, nk'uko bivugwa n'umucamanza Emelia Mwambagi.










