Perezida Magufuli wa Tanzania yatangaje ikigandaro c’iminsi itatu inyuma y'isanganya ryahitanye 60

Ikigandaro

Umukuru w'igihugu ca Tanzania John Pombe Magufuli yatangaje ikigandaro c'iminsi itatu mu gihugu cose kuva ejo ku wa gatandatu inyuma y'aho abantu barenga 60 baguye mw'isanganya ry'imodoka itwara igitoro.

Muri ico kiringo cose, amabendera azoduzwa gushika hagati.

Mu gatondo ko kuri uyu wa Mungu, umushikiranganji wa mbere wa Tanzania, Kassim Majaaliwa ari kumwe n'abandi bategetsi n'abandi basanzwe baba mu gisagara ca Morogoro habereye iryo sanganya, bazindukiye mu kibuga c'ishure ryisumbuye rya Morogoro gusezera ubwa nyuma abahitanywe n'iryo sanganya.

Vyitezwe ko abenshi mu bahitanywe n'iryo sanganya bashingurwa kuri uyu wa Mungu.

Abarenga 70 bakomerekeye muri iryo sanganya bariko baravurirwa mu bitaro bikuru vy'intara ya Morogoro, be no mu bitaro bikuru vy'igihugu biri i Muhimbili mu gisagara ca Dar es Salaam.

Icateye iryo sanganya

Iyo kamyo yari yuzuye igitoro yatembagaye igihe umudereva wayo yariko agerageza gukwepa agatukutuku.

Abenshi mu bahasize ubuzima bariko bagerageza kuvoma igitoro iyo kamyo imaze gutembagara.

Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka ntivyaboroheye kuzimya uwo muriro
Insiguro y'isanamu, Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka ntivyaboroheye kuzimya uwo muriro

Abategetsi ntibavuga ingene uwo muriro wadutse, ariko umwe mu babonye ivyabaye yabwiye BBC ati:

"Jewe nabonye umuhungu umwe yariko arugurura ibateri y'iyo kamyo agomba kuyiba. Ndabibonye jewe naciye niruka. Ubwo nyene uyo muhungu arokoye iyo bateri, niho umuriro waca waduka. Abari bafise amabido yuzuye igitoro baciye biruka irya n'ino, ariko umuriro wabafashe kuko wagenda unyaruka cane".

Amapikipiki yahatikiriye
Insiguro y'isanamu, Amapikipiki yahatikiriye

Sibwo bwa mbere amasanganya y'imiriro nk'iyo ihitana abantu mu karere ka Afrika y'Ubuseruko no hagati, eka no mu bindi bice vya Afrika, bariko bagerageza kuvoma igitoro.

Mu mwaka wa 2009, abantu 90 barahiye baratokombera mw'isanganya nk'iryo ryabereye mu gace ka Sachangwan kari mu ntara ya Rift Valley muri Kenya. Mu mwaka wa 2010 abandi 292 barapfuye mu gihugu ca Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Kongo, haciye imyaka itanu irindi sanganya rihitana abantu 203 muri Sudani y'Ubumanuko.

Mu bindi bice vya Afrika, abashika 45 baherutse guhitanwa n'ikamyo yaturitse itwaye igitoro mu kwezi kw'indwi guheze mu karere ka Benue muri Nijeriya. Hari haciye amezi abiri abashika 80 bahitanywe n'isanganya nk'iryo ku mugwa mukuru wa Niger, Niamey, hari mu kwezi kwa gatanu uno mwaka.