Mu guhimbaza imyaka 57 y'ukwikukira kw'Uburundi, amazina amwe amwe agiye guhinduka

Ahavuye isanamu, presidence.gov.bi
Mw'ijambo yashikirije Abarundi buca bibuka imyaka 57 Uburundi buronse intahe y'ukwikukira, umukuru w'igihugu c'Uburundi Petero Nkurunziza amenyesha ko ibibanza bimwe bigiye guhindura amazina.
Petero Nkurunziza avuga ko intumbero ivyo ari mu "ntumbero nziza yo gusubiza Iteka n'Itekane Uburundi, be no gutera Iteka abateye Iteka Uburundi".
Avuga ko "amazina y'inyubakwa, ibibanza n'ivyibutso vyinshi azohindurwa, abe amazina ahuza Abarundi kandi yibutsa Abarundi Amateka y'Igihugu cabo.
Avuga kandi ko ari mu ntumbero yo kwamirira "kure amazina n'inyifato bikomoka ku buhemu".
Petero Nkurunziza avuga kandi ko bizofassha abarundi kuvavanura "n'imico mibi n'amazimwe vyazanywe n'ubukoroni".
Bimwe mu bibanza bizohinduka uku gukirikira:
- Ingoro y'amakoraniro y'Inama Nshingamateka iriko yubakwa i Gitega izokwitirirwa Umuganwa Rudoviko Rwagasore;
- Ingoro y'amakoraniro y'Inama Nkenguzamateka izokwubakwa i Gitega Izokwitirirwa Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe;
- Mu kiringo kitarenga umwaka umwe, hazokwubakwa Icibutso c'Intwari Bihome ku Mutumba wa Nkomwe muri Komine Kiganda, Intara ya Muramvya, aho yabereye Incungu mu kwitangira Igihugu n'Umwami Mwezi Gisabo.
- Ikambi y'abasirikare y'211 y'abakomando i Gitega kuva ubu yitirirwa Umwami Ntare Rugamba;
- Ikibuga c'Indege ca Bujumbura kuva ubu citirirwa Incungu ya Demokarasi Merikiyoro Ndadaye;
- Ibarabara ry'uwa 28 Munyonyo kuva ubu ryitirirwa Umwami Mwezi Gisabo;
- Ibarabara ry'uwa 3 Nyakanga kuva ubu ryitirirwa Intwari Lt. Gen. Adolphe Nshimirimana;
- Ikibuga c'Inkino citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore kizokwitirirwa Intwari (Stade Intwari);
- Ibarabara ry'uwa mbere Munyonyo kuva ubu ryitirirwa Incungu ya Demokarasi Merikiyoro Ndadaye;
Prezida Nkurunziza amenyesha kandi ko hagiye gutegurwa ibirori vy'ukwinjira ingoro y'umukuru w'igihugu iherutse kwubakwa mu gisagara ca Bujumbura, avuga ko izokwitirirwa Umwami wa mbere Ntare Rushatsi.
Avuga ati: "Tuzoyinjira twongere tuyitazire Izina ry'Ubuhizi rifise Insiguro n'Ikimazi ku Barundi bose, abashengeye, abariho n'abazovuka. Tuzoyitirira Uwo dukesha Uburundi, Umwami wa mbere Ntare Rushatsi".
"Mu Kirundi tuzokwandika kandi tuvuge Kwa Ntare Rushatsi, mu Gifaransa tuzovuga Palais Ntare Rushatsi, mu Congereza na ho tuzovuga Ntare Rushatsi House".
Ni mwumvirize uko Karerwa Jean Claude avugira umukuru w'igihugu abisigura hano mw'ijwi yishura ibibazo vya Felin Gakwaya.
Mu gihe Uburundi bwitegurira amatora yo mu mwaka wa 2020, Prezida Petero Nkurunziza amenyesha ko ibikorwa vy'ukwegeranya intererano z'amatora zari zimaze igihe bihagaze, akavuga ko uburyo busa n'ubwakwiye.
"Kubera ubwo buryo busa n'ubwakwiye, twashimye ko Abarundi n'abakozi ba Reta bohagarika ico gikorwa, hagasigara haterera abavyipfuza n'abatari bwabikore gusa. Kukaba nkako, amatora azobandanya kandi «Ijana ntiryanka mu rindi», na yo «Uwushaka iteka araritekerera»".
Igihugu c'Uburundi caronse intahe y'ukwikukira ku wa 01 z'ukwezi kw'indwi mu mwaka wa 1962 inyuma y'ukwikurako intwaro y'Ububirigi cari kimazemwo imyaka irenga 40.











