FFB yaciwe amande y' $10.000 n'ishirahamwe ry'umupira muri Afrika kubera urukino rw'u Burundi na Gabon

Ahavuye isanamu, Ndikuriyo Reverien, Facebook
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, CAF, ryaciye amande ishirahamwe ryo mu Burundi, FFB, kubera urukino rw'u Burundi na Gabon rwerekanywe ata ruhusha.
Mw'ikete ryo ku tariki ya 31 z'ukwa gatatu 2019, ryashizwe ku rubuga Facebook rw'umukuru wa FFB, Ndikuriyo Reverien, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Africa, CAF, rivuga ko FFB itubahirije amasezerano.
Iyo kete rivuga ko ikosa ryabaye ari uko iradiyo na television y'igihugu c'u Burundi, RTNB, yeremanye ata ruhusha rwa CAF urukino rwahuje u Burundi na Gabon.
Iryo kete ribandanya rigira riti kuri izo mvo, igihano gitanzwe n'umugwi ujejwe inyifatyo mutri CAF ari amande y'amafaranga ibihumbi cumi vy'amadolari ya Amerika.
CAF kandi isaba ko ubutaha amategeko yayo yozokwubahirizwa ukwo ari.
Abicishije kandi ku rubuga rwiwe rwa Facebook mu butumwa buherekeje iryo kete, umukuru wa FFB, bwana Ndikuriyo Reverien avugako bari bamenyesheje abantu bose ko bibujijwe gufata amasanamu no kwerekana urukino rwahuje u Burundi na Gabon, kiretse television Canal + na Supersport.
Arabandanya ati kubera ivyo, dusavye ababijejwe kugira amatohoza ku bijanye n'ingene RTNB yerekanye urwo rukino.
Ngo abazoba babifisemwo uruhara bose ni bo bazoriha ayo mande aciwe na CAF.
Urwo rukino rwabereye ku kibuga c'umupira w'amaguru Umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura, rwaheze u Burundi bunganije na Gabon, buca buronka itike yo kuja mu gikombe ca Afrika, bwa mbere muri kahise kabwo.










