Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Majoro Bernard Ntuyahaga amerewe ate nyuma y'aho ajyaniwe mu Rwanda n'Ububirigi?
BBC yashoboye kugera mu kigo ca Mutobo mu Rwanda, aho bahera amahugurwa abahoze mu gisirikari bataha mu Rwanda, aho Majoro Bernard Ntuyahaga nawe yajyanywe.
Hashize ibyumweru bibiri Majoro Ntuyahaga yahoze mu ngabo z'u Rwanda yoherejwe mu Rwanda, arangije umunyororo w'imyaka 20 yakatiwe n'urukiko rwo mu Bubiligi.
Yafunzwe azira urupfu rw'abasirikare b'ababiligi biciwe mu Rwanda mu gihumbi kimwe n'amagana icyenda na mirongw'icyenda na kane.
Abo basirikare bari bashinzwe umutekano w'uwari Misitiri w'intebe, Agathe Uwilingiyimana, nawe yishwe icyo gihe.
Abagize umuryango wa Ntuyahaga bari i Burayi bagerageje guhagarika kujyanwa kwe mu Rwanda kubera impungenge z'umutekano, ariko birananirana.
Ntuyahaga ubu ari mu kigo ca Mutobo mu nyigisho z'akarere ubutegetsi bw'u Rwanda buha abahoze mu gisirikare imbere yo gusubizwa mu buzima busanzwe.
Umunyamakuru wa BBC Yves Bucyana yagendeye uwo musaza w'imyaka 67, amubwira uko abayeyo n'icyo ateganya gukora.
Umva aho hejuru inkuru Yves Bucyana yakuye i Mutobo.