Putin asaba leta "kugenzura" icuraranga ry'umuziki wa rap

Ahavuye isanamu, EPA
Umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin yasavye leta "kugenzura" icuraranga ry'umuziki wa rap inyuma yaho ibiteramo vyinshi vyateguwe biburijwe mu gihugu.
Perezida Putin avuga ko utwigoro mu ntumbero yo guhagarika umuziki wa rap ko ataco twashitseko, kuri ivyo leta ngo ikwiye kugira uruhara runini mu kugenzura uwo muziki.
Yabandanije avuga ko ubushikiranganji bujejwe imico buzoraba uburyo bwiza bwo gukurikirana ibiteramo vy'urwaruka.
Ashikirije ayo majambo inyuma yaho umuririmvyi w'umurusiya w'umudiho wa rap, Husky, afatiwe ibiteramo yategekanya gukora mu gihugu bigahagarikwa.
Mu kwezi kwa 12, ubutegetsi bw'ahitwa Krasnodar bwarabujije igiteramo ciwe, buvuga ko ari "intagondwa".
Uwo mucuraranzi azwi ku mazina y'ukuri Dmitry Kuznetsov, yarapfunzwe iminsi 12, ahejeje kuririmbira abakunzi ahagaze hejuru y'imodoka.

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY
Avugira mu nama y'akanama kajejwe imico kama n'utugenegene i St Petersburg, Perezida Putin yavuze ko ico kibazo gikwiye "kwitondegwa cane".
Yagize ati: "Ariko ico nemeye nuko bigoye guhagarika izo ndirimbo, umuntu yoraba ingene zikurikiranwa".
Umukuru w'igihugu avuga ko afise amakenga bitewe n'ingene urwaruka rwarengeje urugero mu gufata ibiyovyabwenge.
Agira ati: "Rap hamwe n'ubundi bugenegene bwa kino gihe bishingiye ku nkingi zitatu - ubusambanyi, ibiyovyabwenge hamwe n'imigumuko."
"Ntewe amakenga cane n'ibiyovyabwenge. Ivyo bituma igihugu gitituka."
Bwana Putin yavuze kandi ko atewe amakenga n'imvugo mbi ikoreshwa mu mudiho wa rap, avuga ko yabivuganye n'umuhinga mu vy'indimi.
Leta y'Uburusiya isanzwe idafitaniye imigenderanire myiza n'abaririmvyi.
Igihe c'intwaro y'aba Soviet, umuziki wa pop na rock ntiwafatwa neza, ndetse abarusiya bagerageza kuwigana barafatwa bagakubagugwa.










