Ihiganwa ry'igikombe c'isi ryofasha Uburusiya kuduza imvyaro?

Ihiganwa rituma umuntu yipfuza amabanga mpuzabitsina

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ihiganwa rituma umuntu yipfuza amabanga mpuzabitsina

Abahinga mu vy'igwirirana ry'abantu mu Burusiya bizeye kw'Ihiganwa ry'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru rishobora gutuma imvyaro ziyongera.

Ubushakashatsi bwakozwe mu bihugu vyakiriye ihiganwa ry'igikombe c'isi yose, bwerekanye ko kugira imibereho myiza itewe n'izo nkino bishobora gutuma igitigiri c'abana bavuka kiduga bwampi.

Abarusiya bakiriye ihiganwa ryo mu 2018, baratumye vyukuri abarorerezi baronka ibibaryohera.

Bararengeye ivyo benshi bari biteze, bashika mu gice ca kane bakuyemwo umugwi wa Espagne kuri panaliti.

Ni ubwa mbere bavyitwayemwo neza kuva igihe c'Umuryango w'ibihugu vy'aba Soviet.

Igitigiri c'abana bavuka carakorotse

Inkino zirakunze gutuma havuka abana benshi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inkino zirakunze gutuma havuka abana benshi

Mu gihe igitigiri c'abana bavuka coduga bwampi, yoba abaye amakuru meza ku Burusiya, mu gihe igitigiri c'abanyagihugu baco cakorotse kuva mu myaka y'i 1990, igihe Umuryango w'ibihugu vy'aba Soviet usambukiye.

Muri ino myaka cumi irangiye, igitigiri c'abantu bapfa kiruta ic'abavuka, bukaba ari ubwa mbere kuva igihe c'ingwano ya kabiri y'isi yose.

Ubutunzi bwarasubiye hasi, imibereho y'abanyagihugu irakurikira, igitigiri c'abapfa kiriyongera, bituma izo ngorane ziza gusongera isibe.

Mu gihe abanyagihugu benshi muri bo ubona ko bagizwe n'abashaje, ishirahamwe mpuzamakungu Onu ribura ko mu 2050, ibice 20% vy'abarusiya bizoba bigizwe n'abantu bafise imyaka iri hejuru ya 65.

Ivyo bitigiri nivyo vyatumye leta itanguza imigambi y'izabukuru itakunzwe n'abanyagihugu, mu ntango y'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu kwezi guheze.

Prezida Vladimir Putin yemeye ko agiye gutanga udushirukabute ngo ahimirize abarusiya kuvyara abana benshi.

Umupira w'amaguru wobifashamwo koko?

Ibitaro vyo mu Burusiya biriteguriye ukwezi kwa Gatatu kw'i 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibitaro vyo mu Burusiya biriteguriye ukwezi kwa Gatatu kw'i 2019

Mu Bwongereza, biravugwa cane ko igihugu ca Angleterre cagiye kibona igitigiri c'abana bavuka kiduga bwampi, inyuma yaho ico gihugu cakiriye ihiganwa ry'igikombe c'isi mu 1966.

Mu Budagi ibice hafi 15% nivyo vyiyongeye ku mvyaro, igihe cakiriye iryo higanwa mu 2006.

"Ku bantu benshi, ukuryohegwa bajamwo baraba izo nkino kurabandanya , kugakoreshwa mu bundi buryo inyuma y'ifirimbi ya nyuma," niko umuganga Rolf Kliche yabwiye itangazamakuru ry'Ubudagi.

Mu gihugu ca Brésil aho ico gihugu carangije ihiganwa ryo mu 2014 kimaramajwe n'Ubudagi bwagistinze 7-1 mu gice ca kabiri, naho nyene igitigiri c'abana bavuka caraduze cane.

Ikigo c'igihugu kigenzura ibitigiri "Brazil Office of Statistics" casanze hari abana benshi bavutse mu kwezi kwa gatatu kwo mu 2015, ugereranije no mu mwaka waheruka.

"Uruvyaro rwa Iniesta"

Iniesta: "papa" w'abana ibihumbi inyuma y'igori yinjije mu 2009

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iniesta: "papa" w'abana ibihumbi inyuma y'igori yinjije mu 2009

Ivyiza umupira w'amaguru ukora ku bijanye n'imvyaro ntibiba gusa mu mahiganwa akomakomeye.

Mu 2013, icigwa cakozwe n'ikinyamakuru "British Medical Journal" casohoye izina "Uruvyaro rwa Iniesta" mu gusigura ikindi gihe havuka abana benshi inyuma y'igitsindo cinjijwe n'umukinyi wa Barcelone na Espagne, Andres Iniesta itariki 6 ukwezi kwa Gatanu mu 2009.

Cari igitsindo gitangaje cinjiye ku munota wa nyuma bahura na Chelsea i Londres, catumye uwo mugwi wo muri Catalogne winjira mw'ihiganwa rya Champions League umwaka ukurikira.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Muri ico cigwa bivugwa ko inyuma y'amezi icenda, havukiye mu bitaro bitandukanye vya Catalogne ya hagati abana ibice 16%, vyiyongeye ku bavuka mu bihe bisanzwe.

Ubutaliyano burabimenyereye

Ubucuti buri hagati y'umupira w'amaguru hamwe n'imvyaro, burazwi cane mu gihugu c'Ubutaliyano.

Mu ntango z'uno mwaka mw'ihiganwa rya Champions League, umugwi AS Roma warikuye umugwi wa Barcelone i Roma, ku gitsindo cinjijwe mu minota y'inyongera.

Urubuga rwa Twitter rw'uwo mugwi, rwaciye rwuzura ku buryo butangaje amatangazo yo kumenyekanisha ibidandazwa vy'abana.

"Dushobora kugurisha bimwe muri bino bidandazwa mu mezi icenda," niko hari handitse.

Uburusiya bwo ni gute?

Muri uno mwaka ico gihugu cakiriye ihiganwa ry'igikombe c'isi yose kiri hasi cane ku rutonde rwa Fifa rw'imigwi ya mbere myiza yinjiye mw'ihiganwa ryo mu 2018, ariko uwo mugwi w'Uburusiya wigenza neza kurusha ukwo abantu bavyibaza.

Ukubona abantu baguma batwenga kandi banezerewe mu mabarabara ya Moscou kuno kwezi, vyerekana ko bumva bamerewe neza, ivyo bigashobora gutuma abagenzura ibitigiri bashobora kuronka ico boshikiriza gihimbaye inyuma y'amezi icenda.