General Kayihura, pfa mpfe wa Museveni, bamusanze mu bitungwa vyiwe

General Kayihura

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, General Kale Kayihura yaramaze imyaka 13 atwara igipolisi c'umutekano hagati mu gihugu

Nta nkeka, General Kale Kayihura, pfa mpfe wa Perezida Museveni, yiriwe mu minwe y'abarongoye igisirikare mu Buganda.

Irengero rya General Kale Kayihura ryari ryavuzwe ko vyinshi cane.

Ariko ubu ho igisirikare ca Uganda cemeje ko kajugujugu yagiye kumutora ejo kw'iraro ryiwe.

Iryo riri kure gatoyi y'ibilometero 200, mu burengero bw'umurwa mukuru w'igihugu.

Nijoro ntibamusanzeho, kuko yari yagiye i Mbalala.

Harungitswe izindi ntumwa mu ndege kuja kumuhiga mu gitondo co kur'uyu wa gatatu.

Zaciye zimushikana ku biro bikuru vya gisirikare I Entebbe, aho yiriwe arabonana n'umukuru w'ingabo.

Nta tangazo rirashikirizwa ry'igituma yahamagajwe kugaruka ku murwa mukuru.

Ntibiranasobanuka ko yoba yahagaritswe.

Imbere y'uko akurwa, mu kwezi kwa gatatu, General Kayihura niwe yari ajejwe igisata c'umutekano mu gihugu hagati.

Ariko benshi mubo bakorana hafi, kuva ico gihe barafashwe, harimwo n'aba polisi bakuru bakuru.

Bagirizwa gukorana n'igihugu kibanyi c'u Rwanda, mukunyuruza umwe mu bahoze bacungera Perezida Paul Kagame.

Uyo nawe yarondera ubuhungiro mu Bugande.

General Kayihura yarasanzwe abonwa, kuva kera, nk'umwe mu bantu bakomeye bashigikiye cane Perezida Museveni.

Leta imaze igihe iremerewe n'abasaba ko yotora inyishu y'ikibazo c'umutekano.

Hamaze igihe hari ubwicanyi bw'abantu bakomakomeye, hamwe n'amakuru menshi ku kunyuruza no kwica.